Haraciye igihe mw-ibanki nkuru y-igihugu hamwe no mu mabanki y-ubudandaji hibonekeza ubukene bw-amafaranga y-agaciro bita ama «devises» mu rurimi rw-igifaransa. Iryo kena ry-ayo mafaranga mvamakungu rimaze igihe ritera ibibazo mu bijanye no mu butunzi. Aha twovuga nk-ikena ry-ibitoro, imiti, ibidandazwa vyankenerwa mu buzima bwa misi yose mu barundi nk-isukari, ibinyobwa vy-ishirahamwe BRARUDI tutibagiye rero n-iduga ridasanzwe ry-ibiciro vy-ibidandazwa bimwe bimwe birangurirwa hanze y-igihugu.
Kubw-ico kibazo c-ikena ry-ayo mafaranga mvamakungu, Hariho ivyo Leta y-uburundi itegerezwa kwihutira gukura mu nzira kugira ayo mafaranga aboneke ku bwinshi mu gihugu c-uburundi.
- Guteza imbere igisata c-ubutare hamwe n-ibidandazwa njabukamazi.
Kugira amafaranga y-agaciro aboneke ku bwinshi mu gihugu, Leta yategerezwa gutunganya neza igisata c-ubutare bwimbwa mu burundi mu nyuma bugashorwa mu makungu. Abize ivy-ubutunzi babona ko ari ibakwe ridasanzwe uburundi bwaronse kuba bwifitiye ubutunzi nkubwo kama bwo mu kuzimu kuko bukoreshejwe neza igihugu cohinjiriza amamiriyaridi n-amamiriyaridi mu mafaranga mvamakungu. Ariko bakabona ko ico gisata kikirimwo agahaze umuntu aravye ibiturire na ka mwana wa mama bihakorerwa ku baba bahawe uruhusha rwo kwimba ubwo butare. Ibiza bituma igihugu kiguma gisubira inyuma mu butunzi. Ibidanzwa njabukamazi nk-ikawa, icayi, isukari, ipampa,ikigazi, … vyoza na vyone bifasha cane mu kugira ayo mahera y-agaciro aboneke cane. Kugira ivyo bikunde, Leta yokwongereza inguvu zidasanzwe mu kurwiza umwimbu w-ivyo biterwa njabukamazi maze ishore vyishi hanze y-igihugu hama yinjize amahera menshi mvamakungu.
- Guteza imbere igisata c-abamukerarugendo.
Bimwe mu bihugu vya Afrika birinjiza amahera menshi y-agaciro biciye mu kunagura ibibanza ratiro bituma abazungu babihurumbira maze bakinjiza amahera menshi mvamakungu. Aha twotanga nk-ibihugu bibanyi nk-urwanda , Kenya na Tanzaniya aho ku mwaka vyinjiza imiriyoni n-imiriyoni z-amadorare y-abanyamerika avuye mw-ico gisata. No mu Burundi rero, Leta yarikwiye gukora ibishoboka vyose kugira abazungu biyumvemwo neza uburundi hamwe baje kubutemberera.
- Gusubira Kwunga imigenderanire n-ibindi bihugu na cane cane rutura kw-isi.
Kuva mu mwaka w-2015, Igihugu c-uburundi kiri mu bihano vy-ubutunzi bitewe n-imvururu za politike zavuye ku kiringo ca gatatu c-umuhisi Perezida Petero Nkurunziza. Kuva ico gihe, Ubuzima bwaciye butangura kuzimba mu gihugu harimwo n-ibura ry-amahera y-agaciro kuko nk-imfashanyo zama zatanzwe n-umuryango w-uburaya buri mwaka zagera ku rugero rw-ibice 52% ni ukuvuga ibice 48% vyava mu makori n-amatagisi Leta yatoza. Nk-umuti urama, nuko Leta y-uburundi yo kwemera gushira mu ngiro n-ibisabwa n-umuryango w-ubumwe bwa buraya kugira usubire urekure imfashanyo wari warahagaritse gutanga mu mwaka w-2016, maze amahera y-agaciro aze asubira kuboneka ku bwinshi mu gihugu.
- Kworohereza abanyamitahe mvamakungu baje gukorera mu Burundi.
Abanyamitahe mvamakungu baragiramwo uruhara rudasanzwe kugira amahera y-agaciro aze aboneka cane mu gihugu kuko ivyo baza bakenera gukoresha mu migambi yabo babirangura hanze y-igihugu hakoreshejwe ayo mahera y-agaciro nk-idorare ry-abanyamerika canke (Euro). Kugira abo nabo baboneke ku bwinshi mu gihugu, Leta itegerezwa kuzana ituze mu gihugu ntihabe ihungabana ry-umutekano hamwe nuko haba hari ubutungane bwigenga butuma barenganijwe canke bafashwe nabi babwitura bukabatunganiriza ata nkunzi abayemwo.





Recent Comments