Ni gute Lumitel Burundi izoshumbusha REGIDESO?

0

Ishirahamwe rijejwe ibijanye n’amatara n’amazi, REGIDESO Burundi, ryaraye rishize ahabona ubusuma bwakozwe n’ishirahamwe ry’ugutumanatumanako amakuru rikorera ku butaka bw’Uburundi ariryo Lumitel Burundi.

Iryo Shirahwme Lumitel Burundi rikaba ryatanguye gukorera mu gihugu c’Uburundi mu mwaka wa 2015, abatari bake bakaba bavuga ko hari ibicocoro bitari bike vyo muri CNDD-FDD bifisemwo umutahe muri iryo shirahamwe Lumitel Burundi.

Mu gusaba imbabazi iryo shirahamwe Regideso, Umukuru wa Lumitel Burundi, NGUYEN HUY TAN, yavuze ko ‘ishirahame aserukira rigiye kuriha amafaranga yose yishuzwa na Regideso Burundi’ kandi akaba yemeye ko agiye gukontorora uko abakozi ba Lumitel Burundi bakora.

NGUYEN HUY TAN akaba yavuze ko ikosa ryabaye ku kumanika uwo muyagankuba bitumwe n’uko abakozi ba Lumitel batabimenyesheje ababakurira muri Lumitel Burundi kandi ko agiye klwiyemeza ko atayandi makosa nk’ayo azoba.

Abatari bake baribaza ukuntu iryo shirahwme rifise umutahe w’amamiliaridi mu gihugu c’uburundi wakoze ubusuma bw’amezi 10 mu kwiba umuyagankuba wa reta mvyeyi na nkozi.

Umukuru w’Ishirahmwe mushasha wa Regideso akaba yaramiriye kure ubwo busuma bw’amatara na Lumitel Burundi bwahombeje iryo shirahamwe amahera ashika ku miliyoni 25 mu mafaramga y’amarundi.

None ko bivugwa ko muri CNDD-FDD harimwo ibihangange bifise umutahe muri Lumitek Burundi, ubwo iryo shirahwme rizorokoka ico ceyi? Reta y’i Gitega ikaba ataco iravuga kuri ubwo busuma.

La Société LUMITEL reconnait avoir commis des erreurs sur l’installation électrique de la REGIDESO sur son antenne du…

Posted by Regideso Burundi on Tuesday, January 26, 2021