N-itongo ry-abapfuye ryo ku Mpanda ryatewe n-imyuzurira y-amazi, ugushobora guhungubana kw-ibikorwa vyo gushingura abapfuye mw-iryo tongo.

0

Ku mutumba Buringa , zone Buringa muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza ahari itongo ry-abapfuye havyutse hatewe n-imyuzurira y-amazi  aho igice kitari kito co mw-itongo ryagenewe gushingurwamwo abifise  cari kimaze kushikirwa n-iyo myuzurira. Ni inyuma yaho aho bita kuri ˮferme‟ hasanzwe hari iyororero ry-akarorero ry-inka  amazi menshi ryoryo ryamaze kurengerwa n-amazi .May be an image of nature, body of water and tree

Nk-uko vyemezwa n-abasanzwe bakora mu bikorwa vyo gutunganya  iryo tongo ry-abapfuye n-uko inzuzi zitatu arizo :kajeke, mpanda na Rusizi  zahuriye hamwe kukubura amasaganirizo yaho zisesera inyuma yaho ikiyaga Tanganyika cuzuye kikatangura na cone kwisesa.

Mu gatondo ko kuruwu wa mbere amabarabara afatiye kw-ibarabara ry-igihugu RN5 yose yari yuzuyemwo amazi menshi bica bituma uruza n-uruza  rw-imiduga n-amapikipiki bihagara kurengana.

Abo bajejwe ibikorwa vyo gushingura abitavye Imana bafise ubwoba n-amakenga ko ibikorwa vyo kubandanya gushingura abapfuye mw-iryo bigiye guhagarara hamwe ayo mazi yobandanya atera aba menshi mw-iryo tongo.