Inyuma yaho urubuga rwa Whatsapp ruhereye isango rya nyuma ryo kuwa 15 Rusama 2021 ku banywanyi barwo ko boba bemeye amategeko mashasha azogenga urwo rubuga, abatari bake kw-isi havuyemwo ibihugu vya burayi nubu babandanya banebagura iyo ngingo kuko ngo amabanga y-umunywanyi w-urwo rubuga ntazoba akingiwe.
Mw-izo ngingo whatsapp isaba abanywanyi babo gukwirikiza harimwo kwemera gusangira amabanga n-urubuga rwa Facebook, ikompanyi nkuru y-urwo rubuga rukoreshwa mu gutumatumanako amakuru. Ariko urwo rubuga rumenyesha ko ata muntu bazofuta canke ngo yakwe urwo rubuga.
Kuva kuwa 15 Rusama uy-umwaka, uwutagiye kwemera ayo mategeko masha , whatsapp ntizosubira kumwereka urutonde rw-amazina yabo ariko aganira mw-iterefone yiwe. Ariko ashobora kwitabira kuri whatsapp eka no kuri video.
Ariko mu gihe y-inyuma y-indwi nke, Abakoresha urwo rubuga rwa Whatsapp batazoba baremera gukwirikiza amategeko mashasha ntibazoba bakicemerewe kwitaba canke guhanahana ubutumwa ku materefone yabo.
Whatsapp imenyesha ko igiye gukomeza mu misi mike irimbere mu kwibutsa irungika ayo mategeko mashasha ku banywanyi bayo batazoba barayemera kushika aho bemera ayo mategeko mashasha bakaja k-urugero rw-abandi.
Tubamenyeshe ko urwo rubuga rwa Whatsapp mu ntango z-umwaka w-2021 rwatangaje ko hagiye kuba ihinduka ridasanzwe mu mategeko azogenga urwo rubuga. Muriryo hinduka hakaba aruko m-ubutumwa bw-abanywanyi bayo nk-ubutumwa bugufi buzorungikwa muri facebook kandi ishobora no kubikora ukwo ku zindi mbuga nka Instagram na Messenger.
Recent Comments