UBM News ads
Sunday, December 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abatagiye kwemera amategeko mashasha y-urubuga rwa Whatsapp boba bagiye kuhahombera vyinshi uhereye inyuma yo kuwa 15 Rusama.

Inyuma yaho urubuga rwa Whatsapp  ruhereye isango rya nyuma ryo kuwa 15 Rusama 2021 ku banywanyi barwo ko boba bemeye amategeko mashasha azogenga urwo rubuga, abatari bake kw-isi havuyemwo ibihugu vya burayi nubu babandanya banebagura iyo ngingo kuko ngo amabanga y-umunywanyi w-urwo rubuga ntazoba akingiwe.WhatsApp

Mw-izo ngingo whatsapp isaba abanywanyi babo gukwirikiza harimwo kwemera gusangira amabanga n-urubuga rwa Facebook, ikompanyi nkuru y-urwo rubuga rukoreshwa mu gutumatumanako amakuru. Ariko urwo rubuga rumenyesha ko ata muntu bazofuta canke ngo yakwe urwo rubuga.

Kuva kuwa 15 Rusama uy-umwaka, uwutagiye kwemera ayo mategeko masha , whatsapp ntizosubira  kumwereka urutonde rw-amazina yabo ariko aganira mw-iterefone yiwe. Ariko ashobora kwitabira kuri whatsapp eka no kuri video.

Ariko mu gihe y-inyuma y-indwi nke, Abakoresha urwo rubuga rwa Whatsapp  batazoba baremera gukwirikiza  amategeko mashasha ntibazoba bakicemerewe kwitaba  canke guhanahana ubutumwa ku materefone yabo.

Whatsapp imenyesha ko igiye gukomeza mu misi mike irimbere mu kwibutsa irungika ayo mategeko mashasha ku banywanyi bayo batazoba barayemera  kushika aho bemera ayo mategeko mashasha bakaja k-urugero rw-abandi.

Tubamenyeshe ko urwo rubuga rwa Whatsapp  mu ntango z-umwaka w-2021 rwatangaje ko hagiye kuba ihinduka ridasanzwe mu mategeko azogenga urwo rubuga. Muriryo hinduka hakaba aruko  m-ubutumwa bw-abanywanyi bayo nk-ubutumwa bugufi buzorungikwa  muri facebook kandi ishobora no kubikora ukwo  ku zindi mbuga nka Instagram na Messenger.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments