Mwaro= Igitero c-abantu bitwaje ibirwanisho cahitanye abantu bababa indwi hamwe n-abakomeretse muri komine Rusaka.

0

Hari mw-ijoro ryo kuruwu wa gatanu muri komine Rusaka mu ntara ya Mwaro aho abantu bari bavuye mu matora y-uwugiye kurongora ishirahamwe ryo kuguranana no kuziganya COOPEC mu nyuma bagahita barivuna akanyota niho baca barwa mu mutego w-abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye babamijamwo amasase bicamwo abagera kuri indwi hamwe n-abagera kuri bane bakomeretse , babiri muri bo bararemvye cane.ThePoliticianWeWant : Rusaka, sur les traces des ritualistes

Kuva mu gatondo ko kuruwu wa gatandatu m-uburere bwegereye ndetse n-ahabereye ico gitero havyutse hugarijwe n-abasirikare n-igipolisi aho bariko barasaka ngo barabe ko bofata abo baraye bakozwe ico gitero .

Tubamenyeshe ko ico gitero kigize kabiri mu ntara ya Mwaro aho icaheruka cabereye muri komine Kayokwe hari kuwa 5 Ndamukiza 2021  aho urugo rw-umunyamabanga mukuru w-umugambwe CNDD-FDD muri komine Rusaka Mpawenayo  Athanase  rwaterwa n-abitwaje ibirwanisho hagaca hicwa umwana wiwe w-imyaka 15 hamwe n-umukozi wiwe w-imyaka 17.