UBM News ads

Muyinga: Amashirahamwe yari yarahagaritswe kwimba inzahabu yaraye asubiye kwemererwa gukora.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma y’ikiringo cababa umwaka amashirahamwe ahurikiye mu ma koperative yimba inzahabu ahagaritswe  mu ntara ya Muyinga, Ayo mashirahamwe yaraye asubiye kuronswa uburenganzira bwo gusubira gucukura inzahabu mu makomine ya Butihinda, Muyinga na Gasorwe. Buramatari w’intara ya Muyinga Jean-Claude Barutwanayo agasaba ayo mashirahamwe gucukura inzahabu hisunzwe amategeko akabasaba kuvavanura n’ingendo mbi yaranze amashirahamwe amwamwe yo gushora inzahabu baciye mu nzira y’ibinywabi.

Buramatari w’intara  ya Muyinga ati :« Turakenguruka kuko abanya Butihinda bari bamaze imisi barira ay’abana  yuko batariko bimba inzahabu . Twaraye tubarekuriye yuko basubira kwimba ariko rero, ntibace bagenda  ngo bimbe birukangana muri fraude, ntibace bagenda ngo bimbe birukangana inyuma y’igihugu, nibimbe umwimbu bakuye harya bawujane mw’ibanki nkuru ya republika hanyuma rero baronke ivyabo  hama igihugu naco gishobore gutera imbere»

Tubibutse ko ayo makoperative  co kimwe n’amashirahamwe mpuzamakungu acukura ubutare akaba yari yarahagaritswe na Leta mu kwezi kwa Mukakaro umwaka uheze mu ntumbero yo gutunganya gushasha igikorwa co gucukura ubutare.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments