Ikwaya y’abaririnvyi yitwa ( O.B.C) Ituye mugisagara ca OMAHA NEBRASKA hano muri Leta zunze ubumwe za America baramenyesha abantu bose aho bava bakagera yuko bariko baradandaza ama CD yindirimbo nshasha baheruka gusohora.
Nkuko babitumenyesheje, bavuze yuko i CD imwe bayindandaza ama Dollar $ (10) gusa, naho ngo ari i CD ushaka bakurungikire ( Shipping ) ni ama Dollar ( 12) yonyene.
Umwanditsi wa UBM News aho yaganira numwe mubasanzwe bari muriyo kwaya ( Solange Uwera ) yatumenyesheje yuko iyo Album izina ryayo ryitwa NTUMA JEWE ” Send Me OUT ” kandi ngo muriyo Album hakaba harimwo indirimbo cumi ( 10 ) zitarenze.
Abanyamakuru ba UBM News nkuko musanzwe mutuzi uko dukora, twahise dutohoza amakuru menshi ajanye nino kwaya aho abo twashoboye kuganira bavuze yuko banezerezwa cane nubutumwa bano baririnvyi batanga babicishije mundirimbo.
Nvugishije ukuri ino kwaya Ndayikunda gose, ubutumwa bavuga bacishije mundirimbo zabo bituma nipfuza kwama mbona ukuntu baririmba, nawe nimba utarunva uburyo baririmba uze ugerageze ugure zino CD zabo nshasha baheruka kuririmba wunve ukuntu uzanezwerwa kandi ndazi ko nawe bizagushimisha cane bivuye kumutima. uko rero akaba ariko uwo twaganiriye yavuze.
UBM News yo isohoye ino nkuru, irashimira cane ino Kwaya kuntambwe bagezeko kuko abantu benshi cane birabanezera nokwunva ukuntu baririmba kandi tukaba tubwira abarundi bose aho bava bakagera ko bokwihutira kugura ino CD kuko niyo mwateba muzahava musanga baza barazimaze abandi. Posted by Eric Nyandwi
Nimba ufite ikibazo kijanye niyo CD hamagara zino number (402)-591-1572 canke uhamagare Umurongozi Mukuru arongoye ino Choir kuri Zino Number : (402) 507-1888
Recent Comments