Mugisagara ca Aklahama hano muri Reta nzunze ubumwe za America unomusi igihuhusi cahitanye abantu bashika kuri 51 kandi hakaba harimwo abana bashika 20 bahasize ubuzima.
Nkuko ikinyamakuru gikorera hano muri America NBC cabinyesheje, bo bavuze yuko vyari biteye ubwoba kandi ko America ihonvye abantu bogize ico bamarira igihugu kuko nishure ryintango ryononekaye cane aho basanzemwo abanyeshure bashika 7 bamaze gupfa kubera ico kivumbuzi.
Nubwo abantu bashika 51 bamaze gupfa reka tubibutse yuko abandi ubu barajwe kwamuganga,aho abashika 85 harimwo nabana mi 65 bose bari mubitaro. NBC bavuga yuko bivanye nukuntu abantu bakomeretse cane, igitigiri cabashobora gupfa ko gishobora kwiyongera .
Igisagara cabatwaye imyaka myinshi mukubaka ariko mukubomoka ntanisaha gitwaye !
Meya Glenn Lewis umutegetsi abo aho ivyobintu vyabereye avuga yuko igisagara ubu gisigaye ari umucafu kuko cononekaye cane bimwe birenze urugero.
UBM News yo itanga amakuru menshi cane yibiba hano muri America reka ibibutse yuko ino nkuru ko iriko irerekanwa cane hano kuma TV yaha muri America aho uwuriko wese aritegereza uko bimeze yunva bimuteye ubwoba.
uku niko igisagaca cononekaye muri ALkahama
Amakuru menshi ajanye nino nkuru turaza kuyabashikiriza uko biza kuba biriko biragenda, ubandanye udukurikiranira hafi. Posted by Eric Nyandwi
Recent Comments