UBM News ads

Mugihe hakunze kwibonekeza abagwayi batitabwaho uko bikwiye mumavuriro ya leta, n’inyuruzwa ry’ubutunzi bw’amavuriro mu Kayanza ngo bigiye guhinduka.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Buramatari w’intara ya Kayanza amenyesha ko hagiye gushirwaho vuba umurwi w’abahinga bazotohoza ingene amavuriro atunganijwe ndetse n’ingene uburyo bwayo bukoreshwa.
Rémy Cishahayo yabishikirije, kuri uyu wa kane, mu nama yagiranye n’abarongoye uburere bw’ubuvuzi mu ntara hamwe n’abajejwe ibigega vyabwo.
Buramatari Cishahayo yasiguye ko abarongoye amavuriro batarangura neza imirimo bajejwe bazoca basubirizwa. Abajejwe ibigega vy’amavuriro nabo bazokwagirwa no kunyuruza ubutunzi bazokurikiranwa hanyuma basubize uburyo bwose bwanyurujwe.
Bamwe n’abandi bafise ico babivugako bagashima iyo ngingo hakaba n’ababona ko amazi yarenze inkombe ngo kuko inyonyezwa ry’ubutunzi bw’igihugu rigaragara mu bisata vyose bigize ubuzima bw’igihugu.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments