Miss Ngoma ntararonswa udushimwe twiwe hamwe n’abagenziwe

0

Umwigeme Anne Niyera yatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ry’ubwenge n’ubwiza rya Miss Ngoma 2020 mu ntara ya Gitega yoba atararonswa imodoka yemerewe yo mu bwoko bwa Porte, co kimwe n’abagenzi we bamukurikiye.

Alfred Hakizimana asanzwe arongoye Ingoma Events wewe avuga ko ababivuga ni abaronderera ibibazo aho bitari, bafise intumbero y’ukuducafuza. Alfred Hakizimana aremeza ko Miss Ngoma co kimwe n’abandi bigeme bose bari muri iri higanwa kwatakibazo na kimwe bafitaniye. Ati wanashima vuba cane ibikorwa vy’ugushira mu ngiro imigambi yabo biratangura.

 

Alfred Hakizimana aramenyesha kandi ko mu ndwi iza, Niyera Anne atangura ishure rya ‘auto-école’ kugira amenye kwitwarira umuduga yatsindiye. Ariko benshi kumbuga ngurukana bumenyi bakavuga ko bomuha iyo modoka akironderera uwumutwara narirya igitoro ishirahamwe Volcano n’Ibanki BGF bakimwemereye.

 

Abo bigeme bemerewe ubwo bushimwe bemeza ko bataraburonswa. Abatunganije ico gikorwa bababwira ngo barindire. Abo bigeme bagasabako boronswa ivyo bemerewe kugira batangure imigambi biyemeje gukora kuko bariko baracerwa.

 

Anne Niyera, Miss Ngoma aremeza ayo makuru akavuga ati imodoka nzoyishikirizwa mpejeje ivyirwa ndimwo vyo kunyonga imodoka.