Thursday, October 6, 2022
HomeNewsMenya impamvu leta y'Uburundi idashaka ko abasirikare bayo bava muri Somalia.

Menya impamvu leta y’Uburundi idashaka ko abasirikare bayo bava muri Somalia.

Mu gihe hitezwe ko muri kuno kwezi kwa Ruhuhuma 2019 abasirikare b’Abarundi batahukanwa bavanwa Somalia, nubu impari ziracahari kuri ukwo gukurwa mu gihugu ca Somalia. Uburundi nubu ntiburemera ko abasirikare babwo bataha bashika 1000, nk’uko igisirikare c’Uburundi cabivuze muri Kigarama 2018.

Bamwe bamwe baribaza ko mu gihe Uburundi bugiye kuba mu nama y’amahoro n’umutekano y’ubumwe bwa Afrika ko buzokwumvisha abandi ko abasirikare bashika 1000 b’Abarundi batotahurwa mu Burundi.

Uburundi bukaba buheruka kurungika umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Ezeckiel Nibigira, mu gihugu ca Misiri ku wuhagarariye bushasha Ubumwe bwa Afrika, Abdel Fattah Al-Sisi, kumbure kumwumvisha ko uwo mugambi wo gukura abasirikare bo muri Somalia yowuhagarika.

Uburundi bufise abasirikare muri Somalia bashika ku 5,432, kandi abo bakaba binjiza amafaranga y’agaciro meshi muri leta y’uburundi. Abo basirikare bakaba aribo basigaye ari isoko(source) ry’amahera y’agaciro mu Burundi muri iki gihe yakenye cane.

Leta y’Uburundi ikaba yinjiza amafaranga ashika ku miliyoni 18(hafi imiliayarifi 60 y’amarundi) y’amadolari ava kuri abo basirikare bari muri Somalia.

AMISOM ikaba iriha abasirikare bari muri Somalia amafaranga angana na 1028 $ y’amadolari(hafi imiliyoni 3 mu marundi) ku kwezi, hama leta y’Uburundi ikaba itegerezwa gukurako amadolari 200 kuri buri musirikare wese ari muri Somalia.

Must Read

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye yakuyemwo akarenge mu rubanza rw’uwo aburanira muganga SAHABO.

0
Umushingwamanza Sandra Ndayizeye aburanira muganga Sahabo Christophe yaraye akuyemwo akarenge mu rubanza rw'uyo yaburanira iki gihe apfungiwe mw'ibohero rya Ruyigi. Sandra Ndayizeye akaba yagiriyeko...