Masterland yavuye mu gacerere ko kudasohora indirimbo

0

Umuririmvyi asanzwe ari n’umuhinyanyuzi ariwe masterland yavuye mu gacerere yaramazemwo iminsi ko kudasohora indirimbo aho agiye gusohora indirimbo yitwa sinzohinduka,indirimbo azorekura irikumwe n’amasanamu
cover y'indirimbo sinzohinduka ya masterland

Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews,Masterland akaba yatumenyesheje ko agiye kurekura indirimbo yiwe nshasha yitwa sinzohinduka,indirimbo azosohorana amasanamu,masterland ati:Nyuma yaho umwaka wa 2016 ntari bwatange igikorwa canje gishasha,ubu ngiye kurekura indirimbo iryoshe cane iri mu mudiho wa kizomba,indirimbo izoba ije ikurikira izindi yaramaze gukora nka:urabaruta,fantastic n’izindi

Tworangiza tubamenyesha ko niyasohoka ubmnews tuzoba aba mbere mu kuyironka