Masterland ninde?

0

Masterland amazina yiwe y’ukuri yitwa Ngendakumana Armel Chabel Marial akaba yavukiye mu ntara ya Muramvya, commune Muramvya itariki 23 z’ukwezi kwa gatanu 1996 avuka mu muryango w’abana indwi abahungu batatu n’abigeme bane
masterland n'umuvyi wiwe
Aha ni Masterland akiri muto ari kumwe n’umuvyeyi wiwe Nyina amuvyara, iburyo naho ni mutoyi wiwe Aimée nawe asanzwe afise impano yo kuririmba ikomeye.

Inyuma y’umwaka umwe gusa, umuryango wiwe waje kwimukira mu ntara ya ngozi aho yakuriye icatumye benshi mbere bamwita umunyengozi ibintu nawe yishimira kuko avuga ko Ngozi ariyo ngovyi yamuhetse, bere ryamwonkeje

Inyuma y’imyaka itatu 1999 niho yatangura ishure, aho yize Gardiène(Amashure yo kwimenyereza) kuri Ecole Esperance y’i Ngozi mu nyuma yaje kwitwa collège Esperance. Muri 2001 aca atangura amashure y’intango (Primaire) kuri Ngozi 1 aho yaje guhereza umwaka w’agatandatu muri 2007 adasibiye na rimwe, niho yaciye atangura amashure yisumbuye kuri Lycée “le soleil du savoir ” aho yize gushika mu mwaka w’i cumi aho yaje guhagarika ishure biturutse ku ndwara yahuye nayo y’amaso aho yaje gukorerwa opération muri 2011 mu kwezi kwa cumi na rimwe bica bituma atabandanya amashure yiwe nkuko yavyipfuza;aho atubwira ko yari yipfuza kuzokwiga ubuganga be n’urudandanzwa (Marketing) naho bitamukundiye, ariko akaba amenyesha ko amahirwe yo kwiga ataheranye n’ico gihe kuko yipfuza kuzokwiga ibijany n’ihinguriro ry’umuziki (Music industry) be n’ubuhinyanyuzi(Music production) k’urundi rugero na cane cane mpuzamakungu kurushaho.
Ibijanye n’ukwo yagiye arinjira mu muziki wiwe?
Muri 2010 niho yinjira muri studio ubwambere asohora indirimbo yari yise Genda yari yakoreye muri studio yitwa Kamlinzi records mu nyuma yaje kubera umukozi nk’umuhinyanyuzi, yari no mw’ishure ry’umuziki ryitwa Rock Bujumbura kugasaka aho yiga ibicurarangisho vy’umuziki, umwaka wakurikiyeho niho yasohora izindi ndirimbo nka Cishamake, Nzomubona gute, mpishuka zitaje kumenyekana caane ariko intumbero yar’afise kwari ugusohora imiziki itari ku rwego rumwe kuko yaharanira kwama agira ico yongerejeko mu kanovera cane cane, aho mu mwaka wa 2012 yaje gukora indirimbo yiwe yambere yatanguye gukundwa cane ku ma radio nahandi hatandukanye ariyo “Emera” yari mu mu mudiho wa zouk
Iyi n’indirimbo Emera by Masterland yasohotse muri 2012
Amaze kwinjira neza na neza mu mwuga wo guhinyanyura niho yatanguye kwikorera indirimbo muri studio Miramar Productions, aho yikoreye indirimbo nka Mbwira yakunzwe cane, Umuti wa herayo, Ndakwubaha nayo yakoreye muri Kamlinzi records muri 2013 ikaza gukundwa gushika n’uyu musi ikigezweho
Iyi nayo ikaba ari indirimbo y’ibihe vyose Ndakwubaha By Masterland

Yakoze n’izindi nka ndakwiyumvamwo na nibihorere itashoboye gusohoka bimuvuyeko, yongera akora Affection yasohotse 2014, Maman Africa, Fantastic yaririmbanye n’umwigeme samantha yakoreye muri studio Indonyi Records I Bujumbura, n’izindi nka Nzokugwinyuma, Sindekura Hallelujah na Urabaruta yakoranye n’umuririmvyi akaba umuhinyanyuzi DJ Kolly muri studio RPS production 2015. Ariko akaba afise n’izindi yagiye afashanya n’abandi baririmvyi nka Cishamake remix yaririmbanye nabaririmvyi nka bose b’ingozi, Take care baririmbanye na Group amasuka, kanyana baririmbanye n’umuririmvyi Fabilove, Mwenyura yakoranye na stikk, baribesha yakoranye n’umurwi Good Peace w’i Ngozi.. Akaba afise n’amashusho y’indirimbo nka Fantastic http://m.youtube.com/watch?v=cSe0wmAQJfo yakunzwe bimwe vya cane mu gihugu n’inyuma y’igihugu, na Hallelujah nayo yakunzwe cane n’abakunzi b’unuziki ndundi Hallelujah,…
Iyi nayo ni indirimbo Sindekura By Masterland
Masterland nk’umuhinyanyuzi
Muri 2011 mu mpera niho yatangura gukora ubuhinyanyuzi bw’umuziki nk’umwuga, aho yatanguriye muri studio Rock Records yegukira ishirahamwe ry’ababirigi “Rock Bujumbura kugasaka” aho bakoresha ivyuma biri analogic bitarimwo n’imashini (Computer) akora enregistrement Live.. Muri 2012 aca ahabwa akazi muri studio Miramar Productions y’umu padiri w’umusaleziyano P. Christian kakoulé yava mu gihugu Ca D. R.Congo, yaramukunda caane kubera ubwira n’umwitwarariko wamuranga mu bikorwa vya buri musi, yakoze amezi atandatu muriyo studio, aho mu kwezi kw’icenda yaciye yungururiza muri Kamlinzi records yakozemwo umwaka n’amezi ane gushika muri kigarama 2014 aho yakoreyemwo imiziki myinshi yakunzwe cane y’abaririmvyi benshi bo mu gihugu cose no mu makungu nka Sat-B, channy bella, Amasuka, good Peace, Omega, Simple Jay,Souza mix, Gomen, Nick-Ado, N. John yaje no gukorera umuziki “Ndasavye ijambo” ugatwara agashimwe ka Isanganiro awards 2014.
masterland beat
Nyuma yo kuva muri Kamlinzi records yungururije muri studio Indonyi Records yaje gukoramwo amazi 19 nukuvuga umwaka n’amezi indwi kuva mu kwa gatanu 2014 gushika muri kigarama 2015 Aza gukoramwo ibikorwa vy’intashikirwa vyashimwe na benshi caane mu gihugu cose hafi kw’isi yose aho yakorereye abaririmvyi bakomeye isinzi nka :Rally Joe, Emery sun, Overdo Team, Jay fire, channy queen, olga, Samantha, Ashley Diva, Alice Keza Lady Glace, Joe big, T max, Elly’s Boy, mkombozi, B-face, N john, Frank G80, inganji Music, wakavu n’abandi benshi caane bababa 500 bava mu mihingo yose tutibagiye nabo yagiye arakorana nabo baba mu makungu (Diaspora) nka Mt number onee, Babbi, chonge, dog bee, rally Benz, double z, King donny B, GN nephew, Dada cross, Mr D n’abandi isinzi, akaba yaranakoreye amakorare (Choir) atandukanye kndi neza caane
masterland muri indonyi record aho yariko akorana n'umucuraranzi mpuzamakungu josemar
Masterland akaba akundirwa cane cane ukwitanga kwa cane kumuranga iyo ariko arakora ibikorwa vy’abantu eka n’impanuro atanga na cane cane k’ari umuririmvyi nawe narirya k’asanzwe ari umwanditsi w’indirimbo (Best kirundi’s writer)
Masterland mu biteramo
Akaba yatanguye kuja imbere y’abantu muri 2010 aho yari umutumire mu giteramo cari ciswe “Imfura concert” cari categuriwe muri kaminuza y’i Ngozi , aho yaririmbiye imbere y’abanyagihugu barenga igihumbi.. Yatanguye kwitegurira ibiteramo vyiwe bwite muri 2011 mu giteramo yari yateguriye mw’i hoteli yitwa Kazias mu nyuma akomeza ategura yongera atumirwa mu biteramo bitandukanye no mu ntara zitandukanye nka Ngozi, kayanza, muyinga, kirundo, gitega, Bujumbura n’ahandi aho yari n’umuserukizi wa Primusic mu ntara ya ngozi muri 2013 aho yanatumiwe mu giteramo cari categuwe na brarudi Co gufasha abari bahishije ibidandazwa vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura..
aha yari kuri scene ya brarudi
Masterland mu mahiganwa atandukanye
Akaba yaritabiriye n’amahiganwa atandukanye nka Inarunyonga Music Awards yabereye mu gisagara Ca ngozi aho yashoboye gutahukana ikibanza Ca kabiri, yongera yitabira amahiganwa ya Primusic aserukira intara ya ngozi ari uwambere, aheza aserukira intara z’uburaruko aho yabaye uwagatandatu mu gihugu cose agarukiye muri 1/2 c’ihiganwa.
masterland muri primusic
Aha hari ku bimenyeshabiteramo (Affiche) y’igice Ca kabiri gishira icanyuma c’ihiganwa rya Primusic ku ncuro yayo yambere (1st edition)

Yaracaguwe nk’umuririmvyi mwiza mu ma radio n’ibimenyesha makuru bitandukanye eka n’umuhinyanyuzi mwiza nk’aho yakoze indirimbo y’umwaka muri Isanganiro Awards 2014 “Ndasavye ijambo”

Yaranatowe mu rwaruka cumi rufise impano zikwiye kwigigwako mw’ihiganwa ry’ihanyanishwa “Academie des talents” 2015 ryari ryateguwe na Free Press unlimited aho yari yatowe nk’umuhinyanyuzi..
masterland muri academi des talents
Masterland mu buzima busanzwe
aha yarikumwe n'abandi baririmvyi baryohewe
Akaba azwiho ishaka ryinshi muvyo akora vyose, ukudacika intege eka n’ukwohangana caane. Abamuba hafi caane bavuga ko akundana caane ngo akunda no gufasha mbere arababara iyo abuze ico yofasha ahantu vyari bikenewe, Akaba ar’umujeune yugurutse caane mbere atera inkuru caane, akaba azwiho guhanura urundi runganwe na cane cane ku vyotuma urwaruka rwiteza imbere. Umwanya ungana n’ibice 80% awumara ari mu bijanye n’umuziki kuko ariwo aha ikibanza kinini caane mu buzima bwiwe mbere rimwe na rimwe yivugira ko bishika akaniyibagira ubwiwe ntafungure canke ntiyiyiteho.
arikumwe n'abaririmvyi bagenzi we
Imyemerere(Confession)?
Akaba asenga mw’idini rya Katorika(Catholic)

Akaba yadutangarije ngo ko ari umu rasta naho ata dread rocks afise k’umutwe ngo akaba ashira imbere imigenderanire myiza mu kibano.

Urukundo

Mu rukundo akaba atatumenyesheje umwigeme boba bari kumwe mu rukundo kuko ng’atararonka umwanya ukwiye wo kwinjira neza na neza mu rukundo kuko agifise ihangiro yihaye ritotuma aronkera umwanya ukwiye umufasha wiwe ariko ngo umugore ngo kikaba ari ikintu aha agiciro cane kandi asaba Imana ngo izomuhe umugore afise imico nk’iy’umurundikazi koko, w’umufasoni, yubaha Imana n’abantu, amwubaha, amukunda vy’ukuri bitari ivy’agahararo, yitwararika(Responsable) bibaye vyiza akaba mwiza inyuma naho ngo vyoba vyiza
Inkino?
Ng’akaba akunda caane urukino rwa Football aho akunda caane umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba, n’imirwi itandukanye yo mu gihugu hagati nka le Messager Ngozi, Olympic de Muremera (O. M FC) na vital’o Fc n’imirwi nka Arsenal na Real Madrid n’izindi

Ariko ngo akaba akunda gukora sport ya gym(Imyimenyerezo ngorora mubiri)
Abaririmvyi akunda ?
Ngo arakunda caane abaririmvyi nka Michael Jackson, Bob Marley, Kha dja Nin, Canjo Amissi, Africa Nova. Ngabo baririmvyi baramutse bahuye ngo vyomuryohera caane kuko afise vyinshi yokwipfuza ko baganira. N’abandi bari mu runganwe rushasha nka Chris Brown, Beyoncé, RIHANNA, kelly hilson, chameleone n’abandi
Politike ?
Ngo ntamugambwe arimwo canke yipfuza kubamwo ahubwo yipfuza ko yozogirana imikoranire ya hafi na Leta y’uburundi mu bijanye n’iterambere ry’umuco akaranga n’utugenegene eka n’urwaruka muri rusangi..

Ayandi makuru ajanye na Masterland ubwiwe ,hamwe na studio Master Muzik,mukazoza murabikura kuri runo rubuga nyene ku musi ku musi www.master-muzik.com