Umushingamateka Marie-Immaculée Ntacobakimvuna aheruka kugenwa na bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNL ngo arongore ivy’imfata kibanza uwo mugambwe avuga ko we n’abo barikumwe babujijwe kuri uyu wa kabiri kugirira inama mu ngoro y’uwo mugambwe iri mu gisagara ca Bujumbura muri karitiye ya Mutanga-Nord. Nkuko tubisanga mu rwandiko rwasohowe n’uwo mushingamateka , asigura ko iyo nama itabaye kubera ko ngo hari imisore itazwi icungera iyo ngoro yazanywe na Agathon Rwasa yababujije.
Mw’urwo rwandiko kandi, Marie-Immaculée Ntacobakimvuna avuga ko Agathon Rwasa ariwe ariko ababera intambamyi mu twigoro two kwunga umugambwe umaze amezi 11 ibikorwa vyawo vyarahagaritswe.
Mu kurangiza, Uwo mushingamateka aragaruka ku makossa menshi bagiriza Agathon Rwasa ari nayo yatumye bamuhagarika ku burongozi bwa CNL. Ayo makossa nayo ni: kunyonyeza amatungo y’umugambwe, ukwihagira amatungo y’umugambwe n’ibindi,…
Recent Comments