Sunday, September 25, 2022
HomePoliticsLIGUE ITEKA ivuga ko ubwoko bw'abahutu bwiharije ibice nka vyose biri mu...

LIGUE ITEKA ivuga ko ubwoko bw’abahutu bwiharije ibice nka vyose biri mu nzego z’igihugu.

Umuhari uharanira agateka ka zina muntu ITEKA,usaba Leta y’uburundi  gukosora ubusumbasumbane bw’ubwoko bwibonekeza mu nzego za Leta. Mu burorero butangwa na LIGUE ITEKA  mucegeranyo cashizwe ahabona n’iryo shirahamwe muri uku kwezi kwa Ruheshi, iryo shirahamwe ryerekana mu matohoza yaryo riheruka gukora mu makomine 119 agize uburundi, ko abasitanteri barongoye ayo makomine 86 ari abahutu  nayo 33 ni abatutsi. Mu biro vy’umukuru w’igihugu naho, ku bakozi 29 bakorayo, 25 ni abo mu bwoko bw’abahutu nayo 4 nabo ni abatutsi. Mu gisata c’iperereza naho abahakorerayo bose ni abo mu bwoko bumwe bw’abahutu.Image

Uwurongoye igisata co kumenyesha amakuru muri LIGUE ITEKA, Egide Havugiyaremye ati :« Dufashe nk’uburorero butatu: mu biro vy’umukuru w’igihugu,  mu batwara amakomine no mubatwara igendereza. Kubijanye no mu biro vy’umukuru w’igihugu,  Abakozi 29 bakorayo, twakozeko amatohoza, twasanze 25 ari abo mu bwoko bw’abahutu ni ukuvuga ibice 86% nayo abakozi 4 ni abo mu bwoko bw’abatutsi ni ukuvuga ibice 14%. Turavye  mubatwara amakomine uko ari 119 , 86  twasanze ari abo mu bwoko bw’abahutu ni ukuvuga ibice 68% nayo 38 dusanga  ari abo mu bwoko bw’abatutsi ni ukuvuga ibice 23%. Turavye mw’igendereza ryama ryavuzwe mu mabi atandukanye , dusanga ico gisata ciharijwe n’ubwoko bumwe bw’abahutu »

Umuhari LIGUE ITEKA ukavuga ko uravye ukuntu ubusumbasumbane bw’ubwoko buguma bwibonekeza aho ubwoko bw’abahutu buza imbere cane mu nzego zose  hahonyanzwe ibwirizwa shingiro , Uwo muhari usaba inama nkenguzamateka kwubahiriza ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha  mu gukosora ubusumbasumbane bw’ubwoko  mu nzego za Leta. Nayo Leta igasabwa gushira imbere ubumenyi mu bibanza bisaba ubuhinga hamwe no kuraba ko ubwoko bwose bwaserukiwe mu nzego zose z’igihugu.

Must Read

Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa “biométrique” bugiye gutangwa mu...

0
Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa none bwa "biométrique" bugiye gutangura kuboneka mu Burundi kuva mu kwezi kwa kigarama . Amakomine 11 ya...