UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

HCR isaba Leta ya Tanzaniya kwirinda guhutagiza impunzi z’abarundi ngo zitahe iwabo zitavyiyumvamwo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe rijejwe impunzi kw’isi HCR , risaba Leta ya Tanzaniya ko yokwirinda guhutagiza impunzi z’abarundi ngo zitahe iwabo  mugihe bakicumva ko umutekano wabo ukibangamiwe. Uwuserukira iryo shirahamwe muri komine kasulu  mu ntara ya Kigoma asaba nyabuna Leta ya Tanzaniya gukingira izo mpunzi  no kwubahiriza agateka kazo.Image

Hari inyuma y’umutaga wo kuri uyu wa gatatu aho uwuserukira ishirahamwe HCR muri komine kasul u  mu ntara ya Kigoma mu ntara ya Tanzaniya yari yagendeye ikambi y’impunzi  ya Nyarugusu. Uwo mutegetsi wo muri HCR akaba yari yajanywe  no kuganira ku bibazo bihanze impunzi ziri mw’iyo kambi. Akaba yasavye Leta ya Tanzaniya kudatanga impunzi ku bihugu zavuyemwo mugihe zumva ko umutekano wazo ukibangamiwe. Gutyo agasaba iyo Leta kwubahiriza agateka k’impunzi.

Uwo mutegetsi ati :«Umuntu wese afise uburenganzira bwo gusaba indaro canke ubuhungiro mu gihugu cose aba yahungiyemwo ivyo ntitwobitebako. Ntibikwiye na gato ko  hari umuntu numwe yotahukanwa mu gihugu ciwe mu gihe abona ko umutekano wiwe ugeramiwe co kimwe n’umwidegemvyo wiwe ugeramiwe. Ningombwa ko impunzi umutekano wazo ucungerwa aho zahungiye agateka kazo kakubahirizwa»

Tubibutse ko n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, umupfasoni Samia Suluhu Hassan yatangaje kw’iradiyo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU igihe yari yitavye inama igira 76 y’ibihugu bihurikiye mw’uwo muryango  mu kwezi kwa Nyakanga 2021, yari yaremeje kubwiwe ko hakiri ingorane  mu Burundi zitorohereza abahunguka. Aha Perezida Samia akavuga ingorane zijanye nuko impunzi z’abarundi iyo zitashe iwabo zihageze zica zisanga ataho ziri burime, ataho zifise zikika umusaya, ndetse zitagira n’abari buzihe indaro.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments