UBM News ads

Leta nkozi yoba igire yubake isoko nkuru ya Bujumbura ifadikanije n’amabanki ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ico kibazo nico cariko kirigwa n’inama nshikiranganji yo kur’uyu wa gatatu yakoraniye ku kirimba c’Umukuru w’igihugu citiriwe Ntare Rushatsi. Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, akaba ariwe yararongoye iyo nama. Amabanki y’ubudandaji akaba yarasavye ko yoshiramwo amahera mu kubaka iyo soko yahiye mu mwaka wa 2013 imaze imyaka indwi ikora.

Ariko  iyo soko ikaba ubwambere yegamira ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura mu gisata yari yitiriye Societe de Gestion du Marché de Central ‘’SOGEMAC’’ mururimi rw’igifaransa. Hakaba kandi hari ikibazo c’ababuriye ibintu n’ibibanza muriryo soko kitaratoregwa umuti naho baciye bahabwa ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU.

Abantu banshi bakaba barindiranye igishika cinshi isanurwa ryiyo soko yinjiza amahera menshi mu kigega ca leta igaha n’akazi abantu isinzi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments