Aba bahungu bashasha barishira ku mwanya n’ukuri, nubwo Leta atakintu kinini ishira mu buryo aba police n’abasirikare bosa neza cane!
Uniforms za Police ngira zose ziza zingana ama Sizes XXX,ubwo rero bamwe bakera banukiwe nta mwanya baronka wo kuzisubirishamwo, biyambarira ukwo,ugasanga umengo bambaye ibiroro!! Ariko aba bashasha na cane cane ko baba baraciye kw’Ishure ndabona basa neza Kabisa! Leta yarikwiye gushiraho uruganda rujejwe gusubirishamwo Uniform zabajejwe umutekano kugirango bambare izibakwiye kandi zimeze neza.

Aha rero Leta irakwiye kuraba ingene yobigenza kugira inzego z’umutekano n’izo kwivuna Abansi zosa neza cane. Hakongerezwa n’ukuntu biyunguruza kuko birateye isoni kubona Umupolisi yungururijwe ahandi agenda yipakije canke akunguruzwa n’Ikinga nagasakoshi nakamatera aryamako, ivyo bituma babura icubahiro muri Société,bigaca bikengereza Leta!
No ngaho mu Bihugu bibanyi, nta mu police yunguruzwa nkukwo,ngira ni muri Congo gusa kuko naho hapfuye nabi!
Iyo inzego z’umutekano ziri Smart(ziberewe),biha isura nziza Igihugu,kuko iyo ingenzi zije mu Gihugu Ahantu bambere zihura nabo ni Abapolisi!





Recent Comments