Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsKubera kino kintu gitangaje ndetse kibabaje yakorewe '' uno mugore yahisemwo gukora...

Kubera kino kintu gitangaje ndetse kibabaje yakorewe ” uno mugore yahisemwo gukora ubugeni n’imbwa !

Umuhumure w’umugore yarambiwe n’ukwahukana kw’iminsi yose n’umubano mubi w’abagabo, yahisemwo kugirana ubugeni n’imbwa yiwe. Kubana nayo bimuha amahoro kuko arizeye ko itamuhemukira nk’abandi abo.

Amakuru dusoma mu Kinyamakur 7sur7.be, umuhumure afise imyaka 47, yaramaze imyaka irenga 20 ata mugabo bari kumwe. Kubera akabonge kaho yahukanye amaze amezi makeyi agize ubugeni, vyamuteye kudasubira kwizera umugabo n’umwe. Amanda Rodgers yahisemwo kwibanira n’imbwa yiwe Sheba yoyo itazomuhemukira. Amanda Rodgers ati :”nta wundi mbona twokwibanira akampa icizere atari Sheba”. Ati :”Sheba iranduhura, ikandemesha”.

Abandanya avugako yasavye ashimitse iyo mbwa yiwe ko bobana. Nayo irazunza umurizo, Amanda amenyako yabimwemereye. Amakuru dukura mu kunyamakuru 7sur7.be, amenyeshako ubugeni bwabareye i Split mu gihugu ca Croatie mu mwaka w’i 2012. Ayo makuru amenyeshako abantu 200 bari batumiwe muri ubwo bukwe, imbwa Sheba yambaye ikanzu yera de, yambikwa impeta mw’izosi y’ubutakivana na Amanda Rodgers, abaraho batera amashurwe.

Mu kinyamakuru 7sur7.be handitseko, Amanda avugako ubwo bugeni yagiranye n’imbwa butarekuwe n’amategeko, ariko ko yashatse kwerekana akamaro iyo mbwa imufitiye.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments