Ku biriko bisabwa uburundi, Albert Shingiro avuga ko ubumwe bwa buraya budafise ivyo bwobigisha.

0

Inyuma yaho hasubiriye kutunganywa uwundi muce ugira gatatu w-ibiganiro bihuza Leta y-uburundi hamwe n-abaserukira umuryango w-ubumwe bwa buraya I Burundi mu ntumbero  yo gukurako ibihano vy-ubutunzi vyafatiwe Leta y-uburundi,  umushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu ,Albert Shingiro ariwe amaze imisi aserukira Leta y-uburundi mw-ivyo biganiro amenyesha ko muvyo bariko basabwa n-uwo muryango  ngo  ntaco bagiye gukora kuko  ngo ibihugu vya buraya bidafise ico vyo kwigisha igihugu c-uburundi.Dialogue UE/Gitega : le chef de la diplomatie burundaise invité à une  tournée en Europe – IWACU

ˮmwarumviseko umurwi w-abahinga ugizwe n-ibihugu 27 wamaze gusaba yuko ibihano vyokurwa k-uburundi ningoga na ningoga, Tukibaza ko mu misi iri mbere iyo ngingo nziza izofatwa ku neza y-abarundi mugabo kandi no ku neza  y-abenegihugu b-ivyo bihugu vya buraya  baserukira aha I Burundi kuko nkuko mu bizi nta gihugu c-icana kibaho, igihugu cose kirafise ivyo gifasha ikindi, baradufasha muri bimwe natwe tukabafasha mu bindi, urumva ko ari ugufashanya ntakintu na kimwe badusaba kuko  kurya navuze ko ata gihugu c-icana kibaho ngo gira ibi gira biriya, ingingo zose tufata ziraba ivy-agateka ka zina muntu, zijanye n-intwaro ibereye tuzifata ku neza y-abarundi, rero iyo bazishimye urumva ko ibintu bica bimera neza, imigenderanire igaca igenda neza‟

Inyuma y-ivyo biganiro vy-umuce ugira gatatu vyari bihejeje kuba , Claude Bochu, aserukira umuryango w-ubumwe bwa buraya mw-ivyo biganiro avuga ko  ibihugu aserukira bibandanya bisaba Leta y-uburundi kwubahiriza agateka ka zina muntu, intwaro ibereye n-ubutungane mu gihugu kugira ibihano vyafatiwe uburundi bivanweho.

ˮTwaganiriye ku bitari bike mu bijanye n-agateka ka zina muntu n-uwurongoye umurwi w-igihugu uraba ibijanye n-agateka ka zina muntu niho yarari. Uwo arongoye uwo murwiyatweretse ukwo bakora ,iibijanye n-ingorne bagira n-ico batwitezeko. Nk-uko twama, twabashikirije natwe ivyo tubitezeko n-ibijanye no kunagura n-ibijanye intwaro ibereye, agateka ka zina muntu, turibazako badutahura. Mwarabonyeko nabimenyesheje umukuru w-igihugu mu ntango z-iy-indwi ku ntambwe ya mbere imaze gushikwako k-uruhande rwacu ariko kw-iyo ntambwe idahagije‟