Mu gihe hamaze imisi hibonekeza urugero rudasanzwe rw-ibidandazwa bimwe bimwe biri nkenerwa buri musi nk-isima y-ishirahamwe BUCECO, isukari y-ishirahamwe SOSUMO hamwe n-ibinyobwa vy-ishirahamwe BRARUDI, Umuvugizi w-ubushikiranganji bw-ubudandaji yamenyesheje,hari mu kiganiro c-abavugizi z-inzego za Leta ca bereye kuri uwu wa gatanu mu Ntara ya Makamba ko abasanzwe bakenera ivyo bidandazwa kwari bitatu bariyongereye baba benshi mw-iki gihe.
Kubwa Gloriose Ntibarutaye, ngo kubona amahinguriro y-ivyo bidandazwa kwari bitatu atigera asanurwa ngo yagurwe ni ngombwa haduke ubukene , Mu gihe co muci ho ngo akanyota kariyongera bigatuma abakenera ibinyobwa vya Brarudi baba benshi kuruta ibindi bihe. Ikindi ngo mu gihe c-ici abarundi benshi niho baba bariko barubaka, bisigura ko isima ica itegerezwa kukena.
Nk-umuti be n-icizere vyatanzwe n-uwo muvugizi w-ubushikiranganji bw-ubudandaji, ngo n-uko amahinguriro abiri y-ivyo bidandazwa ariyo: SOSUMO na BUCECO agiye kwagurwa mu ntumbero y-uko uumwimbu wiyongera kuruta. Umwimbu w-ishirahamwe SOSUMO , integuro itegekanya ko uzova ku matoni 20.000 ukaja ku matoni 30.000. Nayo ngo ihinguriro BUCECO hakaba hariko haronderwa ikibanza kindi rizimurirwamwo.





Recent Comments