I Houston umukuru w’igihugu ca Congo iharanira Demokarasi atakurya umunwa ati imyaka mirongo 32 irarangiye abanyekongo turi mu ntuntu twatewe na Leta ya Mubutu aho abantu numva ko Mobutu yohava naho hoja Imbwa.

Tshisekedi ati inyuma yo kwica umwana w’igihugu Laurent Désiré Kabila baciye bahashira Imbwa kugira izobe inkinzo yabo mu kwica no kurya ivya Congo.
Vyumvikana ko Ubu Kabila Joseph atakiri umuntu imbere y’umukuru w’igihugu ca Congo ahubwo ari igikoko nahone kigayitse cane imbwa. Umuntu mu micro myinshi ya Afrika yo abaye imbwa abari umuntu ahawe agaciro gake cane . Ariko rero imvugo nkiyo yo ikoreshwa n’umuntu nka Perezida abantu bato nabo baca bavuga iki ? Ivya Congo bigoye bikiriko ariko hagati aho ivyo abivuga igihe ingabo ziwe ziriko ziravuga ko Ku rugamba zifashe neza na Minembwe yoba yofashwe.
Aho Muri leta zunze ubumwe z’Amerika Tshisekedi araremesha kandi ko na Goma igiye kugaruka vuba na bwango.





Recent Comments