Kenya= Ihinguriro rikora inkoho ryaraye rivutse.

0

Mu ntara ya Kiambu mu karere ka Ruiru,niho hatuye ihinguriro rikora inkoho ntoya zikunzwe gukoreshwa k-urugamba.Uhuru Launches Ksh4B Gun Manufacturing Company in Ruiru - Kenyans.co.ke

Kuru wa 8 Ndamukiza 2021 Perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta niho yishikira mu-iryo hinguriro kugira yugurure ibimaze gukorwa. Uwo mugambi wo gukora inkoho  watwaye imiriyaridi 4 z-amashiringi ukaba ufise ihangiro ry-uko igihugu co koresha uburyo buke bwokuja kusubira kugurira hanze ibindi birwanisho Irindi hangiro Kenya ifise nuko yifuza kuzoza irashorera mu bindi bihugu ivyo birwanisho bigiye kuruta yaho yaza iravyigurira ibikuye mu bindi bihugu rutura.. Iryo hinguriro rikaba rigiye  gukora inkoho 1000 ku kwezi ni ukuvuga inkoho zigera ku 1200 ku mwaka.

Nkuko vyamenyeshejwe na Perezida wa Kenya mw-ivyo birori vyo kwugurura iryo hinguriro, nuko ubuzi bwinshi bugiye gutangwa inyuma yishirwaho y-iryo hinguriro kuko hazokenerwa abakozi benshi cane.

Tubamenyeshe ko igihugu ca Kenya kiri mu bihugu vya Afrika y-ubuseruko gikoresha uburyo bwinshi mu vya gisrikare inyuma y-igihugu ca Ethiopiya kiza kw-isonga.