Kent -P yashitse amahoro i Kampala

0

NYuma y’iminsi igera kuri 3 afashe urugendo yerekeje mu gihugu c’urwanda umuhinyanyuzi kent p yamaze gushika i kampala mu gihugu c’ubuganda
kent

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu akaba yaganiriye n’ikinyamakuru cacu ubmnews aho twashoboye kumubaza ahari muri kino gihe nivyo arimwo,kent p akaba yatwishuye ati:
muri kino gihe ndi i kampala mu gihugu c’ubuganda hama ico ndiko ndakora nuko nagiye gukora amasanamu y’indirimbo ya sat-b,indirimbo african girl,
Twanamubajije kandi ryari azogarukirako,kent p akaba yatwishuye ko ari vuba kuko i bujumbura afiseho akazi kenshi ategerezwa kuza gukora

Tworangiza tubamenyesha ko kent p ariwe muhinyanyuzi aharugwa ko ari uwa mbere muvyo guhinyanyura amasanamu y’indirimbo