UBM News ads

James Kabarebe ariko arategura ikintu gikomeye k’Uburundi ! Evariste Ndayishimiye bisaba agabe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Gen.James Kabarebe kuba aririmba Genocide ayagiriza H.E Maj.Gen.Evariste Ndayishimiye ntimwibaze ko atazi ivyo avuga,canke mwibaze ngo ni uguhuruduka,oya namba!
Burya abo bantu bafise uburyo bakoresha mu guta abandi mumakosa noneho bo kababa abere muri ayo makosa,kandi bakavyaza umusaruro ayo makosa nyene!

Narababwiye kenshi ko Ndayishimiye ataravye neza ashobora kurwa mumutago wa ba James Kabare na President Kagame!
Kandi umutego wabo bantu wama ari umwe gusa wa Génocide!

Juvenal Habyarimana na Leta yiwe baguye mumutego nkuwo mu 1994,RPF ya Kagame na Kabarebe vyari vyaranse ko ishika i Kigali burundu kandi imyaka myinshi,ibiganiro vyari vyaranse hagati ya Leta ya Habyarimana na RPF!
Kugira bashike ku ntego yabo,bateze Leta ya Habyarimana Génocide! Bari baragerageje inzira zose zo gukuraho Habyarimana biranka kuko Abahutu bo mu Rwanda baramukunda pe!kandi nibo bari benshi 87% bari Abahutu!
Ubwo rero umutego wabaye uwo kurondera kwica Habyarimana kugira Abahutu bace birara mu batutsi bake bari barasigaye mu Rwanda kuko Abatutsi benshi bari barahungiye Uganda,Burundi, Zaire,bake muri Tanzania, abo bari barasigaye mu Rwanda ntabwo bemerwa cane na bagenzi babo bari mu Buhungiro,babagirizako bakorana na Leta ya Habyarimana!
Abo rero RPF yabagize ivyambo kugira bagere ku ntumbero zabo!

RPF nubwo ibihakana ko atariyo yahanuye Indege ya Habyarimana,ariko birazwi neza kuko amatohoza menshi yo mumahanga,naba Experts benshi baramaze kuvyemeza!!
Ikororwa ry’indege ya Habyarimana yabaye Imbarutso y’ubwicanyi bufatiye ku moko mu Rwanda mu 1994.
RPF iba iraronse iturufu n’inguvu nyinshi cane kuko baciye bashigikirwa cane na Uganda be n’ibindi bihugu ngo bagiye gutabara Génocide! Mu mezi atarenga ane(4) gusa baba barirukanye Leta y’Abahutu yari yarabananiye igihe kirekire!
Abatutsi bishwe kirya gihe bakwegewe na RPF,yabagize igitambo!

Iyo rero wumvise abo bantu batanguye kuzana mwene ayo majambo ya Génocide mumenyeko ari aba Experts mu kubitegura!
None RPF yemeye guheba Abatutsi bo mu Rwanda mu 1994 bakaba igitambo,bakicwa kugira igere ku ntumbero yayo,yonanirwa gute no guheba Abanyamulenge bo muri Congo bakabica bo nyene bikagirizwa Evariste ko ariwe yagiye kwica Abatutsi bo muri Congo??
Ibi tuvuze ndazi ko benshi biza kubarya mumatwi,uku ni ukuri badashaka ko kuvurwa!
Kandi ukuri kwama kuryana pe! Ariko ntitworeka kubivuga kandi ari ibihari!

Kugira bakure ku ngoma Abahutu b’Iburundi cane cane CNDD-FDD,ni ngombwa bazotegure ikintu nkico! Hama Urwanda na Uganda vyisukire rimwe iburundi ngo bagiye gutabara,canke gukuraho aba Genocidaires!
Mwibuke ko na 2015 vyahatswe cane,ivya Coup d’Etat vyaciye bihindukirira muvy’amoko!
Kagame yaguma avugako atazemera ko Abatutsi b’Iburundi bicwa! Kandi ata murundi yariko yica uwundi ico gihe! Kiretse abaronderwa n’ubutehetsi,abanya bihugu bari bibaniye neza!!
Aha rero nubwo CNDD-FDD itariko ikorera neza Uburundi,nubwo bicishije Abarundi inzara n’ubukene,mumenye ko ariyo ikiri intambamyi kugira Empire Hima ishoboke!
Burya mwoba muziko Abahutu bishwe kuva 1994 mu Rwanda kugeza uyu musi basumba cane Abatutsi bishwe ico gihe?
Nabahungiye mumabshamba ya Congo banasanzeyo barabica kugeza nuyu musi baracabahiga!
Ariko Abahutu b’Ibuburundi aho kuja hamwe,bakundane,basenyere ku mugizi umwe,nibo bamarana!
Bagirizanya Ubu CNL nubu DD,ivyo vyimigambwe harico vyari bitwatwaye!??

Muzoza gushaka gukundana ngo mushire hamwe bitagikunda!
Mwisanga mwarashwiragiriye mubihugu bitandukanye nkuko mubona Abahutu bo mu Rwanda bimeze,uwemeye kuba umuja niwe ari mu Rwanda! Abandi barashwiragiye mu mashamba ya Congo,abandi basaziye mumakambi y’impunzi mu bihugu bitandukanye!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments