UBM News ads

Izinga rya Maurice ririko rifasha kunyegeza abarundi amahera baronse bidaciye mu muco

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

ELNA Holing ltd ni sosiyete iheruka kugura Brarima yo muri Congo sosiyete ivukana na Brarudi y’iburundi na Brarirwa y’urwanda.

Iyo sosiyete yaragurishijwe n’ishirahamwe rikomeye ryo mu Buhorandi rya Heineken inyuma yaho risanze ritoguma rikorera ahantu ata mutekano uhari. Ntiyatevye Umugwizatunga Wakenya w’uburundi somambike w’umukuru w’igihugu yaciye ashiramwo amahera.

Igitangaje n’uko bavuga ko sosiyete yariguze ari iyo muri ryazinga rya Maurice. Leta ya Congo ikivyumva ko umurundi yaguze sosiyete ahantu hafashwe na M23,vyayiguye nabi cane gushika aho leta y’uburundi biciye Ku mukuru w’igihugu ategeka ifatwa rya Wakenya ya ncuti yiwe. Bamwe bati nta Wakenya yoronka amahera nkayo ahubwo ni uguhuma amaso Congo ahandiho ni umukuru w’igihugu wenyene mwene sosiyete.

Ibi rero ntibisanzwe ko benshi barafise inyota yo kumenya neza ico Wakenya yagirizwa ko umucuruza akorana n’uwubishaka. Ahubwo akabazo Wakenya umwe mu ndongozi z’urukino ry’umupira w’amaboko mu Burundi basketball ubwo yokwerekana aho Ayo mahera yayakuye ?

Hari amakuru asanzwe yemeza ko mu nkino benshi bajayo kugira bikunde banyegeze amahera baba bivye,batanga akarorero kuri Ugo rukino rwa basketball mu BURUNDI aho bazana abakinyi bavuye muri z’Amerika bagahembwa neza ariko abarundi nyene bakarira ko babuze amahera yokugura ifumbire. Ugo rukino ni kimwe mu biraro abategetsi bacamwo mukunyegeza ivyo bivye igihugu.

Hari abatanguye kwerekana ko urugendo umukuru w’igihugu yagize rwiswe Ugo akazi ahubwo ar’Ugo umuryango. Impamvu zivugwa ni ukuntu yagendeye ishirahamwe rihingura umwambiro Malt usanzwe ukoreshwa muri Brarudi na Brarima. Bakishimikiza n’impamvu umukenyezi wiwe barikumwe mu rugendo bati bari bagiye kuraba aho umwambiro bazojabukana muri Congo aho uzova Ku giciro ciza.

None NDAYISHIMIYE yoba agiye gukorana na M23,biciye kwigurwa rya Brarima ? Uko biri benshi barahanze amaso iyo dosiye imwe muri nyinshi harimwo ibinyegezwa

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments