Iyindi ngoro y’Umugambwe CNL yaturiwe mu Rumonge.

0

Mu gihe hegereje amatora ya 2020 mu gihugu c’ Uburundi, abatavuga rumwe na leta y’Uburundi barabanagamiwe na cane cane abo mu mugambwe wa Rwasa Agathon, ari wo CNL.

Ikigezweho ubu ni ukubomora inyubakwa z’uwo mugambwe hamwe no kuziturira.

Ubu hadaciye ‘imisi minaka, ejo mwijoro ryo ku wa 30 Mukakaro 2019, hari iyindi nyubakwa ya CNL yaraye ituriwe n’abantu bataramenyekana mu ntara ya Rumonge.

Uwo mugmabwe CNL ukamenyesha ko iyo ngoro y’ umugambwe yaraye ituriwe yari yimirijwe kwinjirwa vuba cane.

Biramenyerewe cane ko iyo inzu ya CNL yimirije kwinjirwa ica iturirwa canke ikabomorwa mw’ijoro ariko ababikora ntibamenyekane.

Umugamwe CNL ukaba utunga agatoke ku mbonerakure za CNDD-FDD ko arizo ziri inyuma y’iryo turirwa ry’ingoro z’umugambwe za CNL.

Leta y’ Uburundi ntaco iragira imenyesha gifadika kuri iryo turirwa ry’ingoro z’umugamwe CNL.