Urubanza rw’abanywanyi 70 b’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) rwasomwe na sentare rubamba. Mirongo ibiri na babiri bambitswe izera, abasigaye bahanishwa umunyororo n’amande, harimwo n’abazopfungwa ubuzima bwabo bwose.
Sentare rubamba ikukira parake nkuru ya Mairie ya Bujumbura yarafatiye ibihano abanywanyi b’umugambwe MSD, bamwe bakaba bari bafatiwe mu ngoro y’umugambwe MSD mu Kinindo mu mishamirano y’abo banywanyi hamwe n’abaporisi kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante 2014. Abandi banywanyi muri abo bafatiwe mu mihingo itandukanye, bagirizwa ko boba bari inyuma y’imigumuko yatumye abanywanyi n’abaporisi bakomereka.
Muri abo 70, abagera kuri 22 nibo bambitswe izera, 21 bacirirwa igihano c’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose. Abandi cumi baciriwe umunyororo w’imyaka cumi n’amande y’ibihumbi mirongo itanu, abasigaye nabo bagera kuri cumi na bane bacirirwa umunyororo w’imyaka itanu n’amande y’ibihumbi mirongo itanu nyene. Abagera kuri batatu batari bwakwize imyaka cumi n’umunani bahanishijwe umunyororo w’imyaka itatu.
Mwokwibuka muri abo banywanyi 70, abagera kuri 48 batigeze baburana, kuko bari basavye ko abashingwamanza babo bohabwa umwanya wo gusoma ivyo bagirizwa, abandi nabo mbere bakaba bavuga ko batararonka abababuranira. Umushingwamanza Prosper Niyoyankana, umwe mubaburanira abo baciriwe urubanza amenyesha ko ari akamaramaza kubona sentare yihutira gufatira ibihano abapfungwa bataraburana.
Recent Comments