Umuririnvyi w’umurundi aba hano muri Leta zunze ubumwe za America afise indirimbo zigezweho ndetse zikunzwe cane n’abarundi benshi ( Daddy Face ) ururirimbo rushasha aheruka gusohora yahaye izina ry’Abanye Politike rukomejwe gukundwa n’abenshi ndetse bamwe bakaba bibaza impanvu yahisemwo gusohora ururirimbo rujanye n’Abanye Politike na burya benshi basanzwe bamenyereye ko abaririnvyi b’abarundi bakunze kwisohorera indirimbo z’urukundo gusa.
Mu rwego rwo gushaka kumenya impanvu nyamukuru ” Daddy Face ” yahisemwo gusohora indirimbo y’abanye Politike ” Ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikunzwe cane hano muri America ” UBM News ” twahisemwo kuganira nuno muririnvyi kugira ngo agire ico abivugako .
Kubwuno muririnvyi, nyene ubwiwe avuga ko impanvu nyamakuru yamuteye gusohora indirimbo ivuga cane kubanyepolitike aruko ashaka ko bahindura ingendo bagakora kuneza yabanyagihugu babatoye ngo ntibakore bishakira inyungu zabo.
Daddy Face yagize ati : Nkuko bisanzwe jewe mu indirimbo zanje ndirimba ibitandukanye kandi bigezweho, nashimye kuririmba iyo ndirimbo Abanye politike bivanye na politike yo mu Burundi itariko igenda neza, nkabwira abategetsi bacu bahindure ingendo bakorere kuneza y’abanyagihugu babatoye ntibakorere kunyungu zabo n’imiryango yabo gusa.
Unviriza hano musi indirimbo y’Abanye Politike ” by Daddy Face
Abanye Politike By Daddy Face
Recent Comments