Isekeza ryo gusubiramwo imanza canke kuzifutisha rizotangura itariki 28 gitugutu

0

Iryo sekeza rikazotangura ku musi wagatatu itariki 28 gitugutu 2020. Umushikiranganji w’ubutunganem Jeanine Nibizi, akaba yashinze amakomité yabajejwe kwakira abenegihugu mu ntara zose z’Uburundi.

Umushikiranganji Jeanine Nibizi akaba yasavye abenegihugu bafise imanza babona zitaciwe neza ko boza kwerekana ivyemezo ikibazo cabo kikigwa. Ivyo yabikoze mu ntumbero yo kwegereza ubutungane. Ubwo bushikiranganji bukaba bwasanze abasaba ko imanza zosubirwamwo ari benshi kandi bava mu ntara zose.

Ivyo bikaba vyashimishije abenegihugu baba bararenganijwe bivuye kugiturire gikomeye kiba caratanzwe canke baburana n’umuntu afise ubutegetsi. Abenegihugu nabo baba kure y’aho ubushikiranganji bw’ubutungane bukorera bakaba bashima n’ishingwa ry’iyo mirwi. Ico gikorwa kikazomara ukwezi kose.