Iry Tina aratera akamo abarundi gutora Laly Lorraine Bizindavyi mw’ihiganwa Miss Burundi

0

Umuririmvyi w’umurindikazi Irene Laura abenshi bazi kw’izina rya Iry Tina aratera akamo abarundi bose na cane cane abakunzi biwe ko bokwizera bagatora umwigeme laly lorraine Bizindavyi kugira ashobore kwegukana ihiganwa rya Miss Burundi ry’uyu mwaka
laly lorraine Bizindavyi
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,Iry Tina akaba yamenyesheje ko yizeye ko Laly Lorraine Bizindavyi azotahukana iryo higanwa hamwe yokwizerwa n’abakunzi ba Iry Tina bakamutora bakamuha amajwi,Tina akaba yabandanije avuga ko kugira bamutore baja ku rubuga rwa facebook rwa Miss Burundi 2016-2017 bakaca bafyonda bakaca babereka uko bashobora kumutora uyo mwigeme,
uyo mwigeme akaba yavutse mu mwaka w’1997 akaba asanzwe aba mu kinanira ca gatatu,akiga mu mwaka w’icumi na kabiri w’amashure yisumbuye

Tworangiza tubamenyesha ko Iry Tina avuga ko hamwe bomutora uyo mwigeme agatahukana iryo higanwa ko hari agashimwe azoha abamutoye