UBM News ads UBM News ads
Tuesday, May 28, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Radiyo INZAMBA AGATEKA KAWE, ikindi kimenyeshamakuru cari carugaye, yasubiye gusamirana.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma y-ikiringo c-indwi zitatu cari kihaciye ihagarikiye ibiganiro, Radiyo INZAMBA  AGATEKA KAWE yaraye isubiye kusamirana kuva k-umugoroba wo kuwa 15 Ndamukiza.RADIO INZAMBA AGATEKA KAWE - YouTube

Nkuko bimenyeshwa na Alexandre Niyungeko  umuyobozi w-iyo radiyo, amenyesha ko ari urugamba biyemeje rwo kuzokwama bashikiriza amakuru abarundi bakamenya ibibera iwabo naho baguma baca mu ngorane zo kuburabuzwa ko bitabaca intege n-agato.

I radiyo INZAMBA AGATEKA KAWE  ikwirikiye i radiyo RPA nayone iheruka kusubira kusamirana kuwa 12 Ndamukiza.

Tubamenyeshe  ko mu binyamakuru bitatu vyaheruka  kuhagarika ibiganiro vyavyo kuwa 24 Ntwarante, iradiyo n- imboneshakure  RENAISSANCE ariyo isigaye itarasamirana ariko nayone vuba irasubira kushikiriza ibiganiro vyayo nk-uko  vyemejwe n-umwe mu bamenyeshamakuru  w-izo radiyo zimaze kwugurura.

Twobibutsa ko ivyo binyamakuru bitatu bikorera hanze y-igihugu inyuma yaho biterewe  bikaturirwa kuwa 14 Rusama 2015 n-abantu bambaye imyambaro ya gisirikare na gipolisi bitwaje ibirwanisho rutura ivyo abarongoye ayo maradiyo bavuga ko vyakozwe n-ubutegetsi ni mu gihe hari hahejeje kugerageza ihirikwa ry-ubutegetsi bw-umuhisi Petero Nkurunziza.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments