Inyuma yuko yibiwe ibintu vyose urukino rw’INTAMBA MU RUGAMBA na NIGER rurangiye,Jeff NZOKIRA yaronse urupapuro rw’inzira.

0

Nyuma yaho umunyezamu w’umugwi INTAMBA MU RUGAMBA ariko asanzwe akinira umugwi wa Djibouti Télécom wo mu gihugu ca Djibouti Jeff NZOKIRA yibiwe ibintu vyose aho yaratashe avuye mu munezero wo kwigina intsinzi bari bahejeje kuronka imbere ya NIGER uyo mikinyi yaraye aronse urupapuro rw’inzira(passport) ruzomutuma asubira mu gihugu ca Djibouti aho asanzwe akina mu mugwi wa Djibouti télécom.
jeff nzokira
Akimara kuronka urwo rupapuro Jeff NZOKIRA yaragaragaje umunezero kubona aronnse urupapuro rundi mu gihe urwo yarafise bari barumwivye,jeff akaba yaranashimiye abantu bose bamufashije kugira aronke urundi rupapuro.
jeff
Twobamenyesha ko Jeff Nzokira ari umunyezamu yigeze gusamira umugwi wa Vitalo’o fc ariko ubu akaba asamira umugwi wa Djibouti télécom.