Mu gihe kuwa 4 Gitugutu 2021 ariho hagiye kushirwa mu ngiro umugambi wa Leta wo kugaburira ibitungwa mu mihana, Abatari bake babona ko iyo ngingo ishobora gukwirikirwa n-ubukene budasanzwe mu miryango myishi yo mu gihugu c-uburundi.
Zimwe mu nkurikizi zishobora gukwirikira iyo ngingo ndetse zimwe zikaba zimaze kwibonekeza ni ukuntu inka yarisanzwe ifise agaciro kanini muvyerekeye amafaranga ariko ubu zikaba ziriko ziragurishwa amafaranga makeyi cane, abari batunzwe n-urucuruzwa rw-inyama zisrashobora kuzogabanuka k-urugero rwo hasi bitewe n-uko inka zigiye kuba nke mu gihugu. Ntawo kwibagira ko hari urwaruka n-abandi barundi benshi bari batunzwe n-umwuga wo kuragira inka mu nyuma bagatunga imiryango yabo kubwo agahembo bahakura.
Hari n-abandi babona ko ubworozi bw-inka bugeramiwe ndetse ko bugiye guhebwa mu gihe bwari amikoro ku barundi batari bake. Aha twovuga nko kwigisha abana mu mashure kuva ku ntango gushika baheze.
Muvyerekeye imibano, inka bisanzwe bizwi kwari igitungwa gihambaye muvyerekeye imibano , ubumwe, n-imigenderanire y-abantu. Aha twovuga nk-umugenzo wo guhana abageni biciye mu nkwano , kugabirana vyamye bigaragaza urukundo mu bantu.
Bamwe n-abandi babona y-uko Leta isanzwe ari nk-umuvyeyi w-abarundi, yosubira ikitondera iyo ngingo kuko ishobora kuzosanga ivyo vyose vyavuzwe hejuru bibaye.





Recent Comments