Thursday, December 1, 2022
HomePoliticsIngingo yafashwe na sentare ya EAC ku Burundi ntaco izohindura ni impfagusa...

Ingingo yafashwe na sentare ya EAC ku Burundi ntaco izohindura ni impfagusa (Ntahorwamiye).

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Leta cabaye kuri uyu wa kane w’indwi iheze, Umunyamabanga akongera akaba umuvugizi wa Leta Prosper Ntahorwamiye yemeje ko ingingo ya sentare ya afrika y’ubuseruko iheruka kuja ahabona ivuga ko ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza cahonyanze amategeko ko ataco kizohindura ndetse ko ari impfagusa.

Ntahorwamiye agasigura ko iyo sentare yafashe iyo ngingo mu gihe ico kiringo cerwa carangiye ndetse n’umukuru w’igihugu biraba ntabwo akiriho. Ariko naho Prosper Ntarwamiye avuga ukwo, umwe mubashingwamanza yaburanye urwo rubanza asigura ko naho ico kiringo ca gatatu caheze ndetse na Perezida Nkurunziza akaba atakiriho, urwo rubanza ntabwo ruri impfagusa na gato ko nyabuna ruje gucira inzira abakorewe ivyaha bitandukanye bazira kwiyamiriza ico kiringo ca gatatu kugira basabe indishi y’akababaro.

Ku bafatiwe mu myiyerekano biyamiriza ico kiringo, Umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Leta amenyesha ko nabonyene bategerezwa gukurikiranwa n’ubutungane kuko ivyo bagize si imyiyerekano ahubwo ni “imigumuko” iyo nabo ikaba ihanwa n’amategeko.
Tubamenyeshe ko sentare ya Afrika y’ubuseruko ikaba iheruka gushira ahabona mu kwezi guheze kw’icenda urubanza iyo sentare yaciye imenyesha ko mu mwaka wa 2015 sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ry’uburundi yahonyanze iryo bwirizwa shingiro nyene , amasezerano ya Arusha hamwe n’aya Afrika y’ubuseruko mu ngingo zayo za 5,6,7 na 8mu kwemeza ko ico kiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza cari cubahirije amategeko.

Must Read