UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ingingo ya sentare ya EAC ntabwo ari impfagusa kubera ikiringo ca gatatu caheze canke Nkurunziza atakiriho ( Don Deya)

Abitwaye muri sentare y’akarere ya EAC ngo ntibitwariye umuhisi Perezida Nkurunziza canke ikiringo ca gatatu yihagiye ,ahubwo bitwariye igihugu c’uburundi kubera ingingo y’urwego rw-ico gihugu yahonyanga amategeko.Bishikirizwa n’umushingwamanza wa Afrika y’ubuseruko Don Deya yaburanye urwo rubanza muri sentare y’uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko. Deya agasigura ko naho ico kiringo ca gatatu caheze ndetse na Perezida Nkurunziza akaba atakiriho, urwo rubanza ntabwo ruri impfagusa na gato nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi wa Leta y’uburundi Prosper Ntahorwamiye hari mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Leta cababereye mu ntara ya Kayanza kuwa gatanu w’indwi iheze.

Mu kiganiro Ijambo ni rwawe co kuri uyu wa gatandatu catunganijwe n’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA, Umushingwamanza Don Deya yamenyesheje ko urwo rubanza ruje nyabuna gucira inzira abakorewe ivyaha bitandukanye bazira kwiyamiriza ico kiringo ca gatatu kugira basabe indishi y’akababaro. Umushingwamanza Don Deya ati :«Ni ingombwa ko abatwumva bamenya ko abanyagihugu bo muri uwo muryango w’ibihugu bigize afrika y’ubuseruko twaserukiye mw’urwo rubanza ico gihe arivyo uburundi, Tanzaniya, Urwanda, kenya na Ouganda bagomvye kwerekana ko kirya kiringo ca gatatu cahonyanze amategeko kandi iyo ngingo ya sentare ntiraba igihe vyafashwe kugira ishirweko iraba nyamara intumbero yariho yokwerekana ko ikiringo ca gatatu kitubahirije amategeko»

Uwo mushingwamanza arongerako ati :« Iyo ngingo ntiba impfagusa na gato kubera ko ico kiringo ca gatatu caheze canke kubera ko uwatwara ico gihe yashengeye ni ukuvuga Petero Nkurunziza. Iyo ngingo yerekana nyabuna kw’itegeko ryari gukwirikizwa kuva mu mwaka w’2015 kugeza uyu musi».
Don Deya amenyesha kandi ko iyo ngingo ya sentare y’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ifise ingaruka ku ngingo zagiye zirafatwa n’intwaro ya Nkurunziza ndetse n’ikiringo ubwaco kuko izo ngingo zose urubanza rwaciwe rwerekana ko zitari zihuye n’amategeko ko na Nkurunziza ataraberewe n’amabanga y’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka w’2015 hakwirikijwe amategeko.

Kubijanye n’ingorane za politike zandurutse kw’ico kiringo ca gatatu c’umuhisi Nkurunziza, Umushingwamanza Don Deya agahamagarira abanyepolitike b’abarundi kwishuza abakuru b’ibihugu bagize EAC kugira urwo rubanza rw’iyo sentare rushirwe mu ngiro kuko aribo bategerezwa kubifashamwo. Deya abivuga uku:«Nta gisigaye co gukora ku ruhande rw’ubutungane nko ku ruhande rwa politike harageze ko haterwa intambwe ku bijanye no kwubaka igihugu cubakiye ku mategeko.Nibaza ko igikenewe nuko abanyepolitike n’imigambwe baturukamwo bakwiye kujana ibigize ingingo z’uru rubanza imbere y’inama nshingamateka na Nkenguzamateka kugira babiganire mbere banashire mu ngiro ingingo z’uru rubanza».

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments