UBM News ads

Ingabo z’uburundi na Kongo zadutanye urugamba-Bantu Holomisa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Icegera c’umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Afrika y’epfo yagiriza ingabo z’uburundi na kongo gutinya urugamba cane ivyatumye abasirikare 13 b’Afrika y’epfo bapfira mu mirwano i Goma.

Bantu Holomisa ati:”Abasoda bacu badandajwe n’ingabo z’uburundi na Kongo mu kubasiga bonyene kurungamba imbere y’umuhari m23 i Goma”.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru c’umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Afrika y’epfo Angie Motshkga hamwe n’icegera ciwe Gen Bantu Holomisa, baragarutse cane ku ntambara ziriko zirabera muri nord kivu cane cane inyuma yaho umuhari M23 ufatiye umuji wa Goma mbere Afrika y’epfo igatakaza abasirikare 13.

Umushikiranganji wo kwivuna abanshi Angie Motshekga yavuze ko bibabaje kubona ingabo za Afrika Epfo ziri mu butumwa bw’amahoro(SAMIDRC)zipfira muri kongo kandi zitari kurwana.

Angie Motshekga yasavye prezida Cyril Ramaphoza ko yokwihaniza prezida Kagame kugira ingabo ziwe ntizisubire kugaba ibitero ku ngabo za Afrika y’epfo ziri muri RDC.

Nayo Icegera c’umushikiranganji wo Kwibuna abansi Bantu Holomisa yavuze ko ingabo z’uburundi na Kongo arizo zatumye abasirikare ba Afrika y’Epfo bapfa kuko babatanye urugamba imbere y’umuhari m23 i Goma maze Afrika y’epfo ikahaburira abasirikare 13.

Bantu Holomisa akavuga ko harindiriwe icemezo ca UN kugira ingabo za Afrika y’epfo zikurwe I Goma.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments