Umuvugizi w’igisirikare c’uburundi Gen de Brigade Gaspard Baratuza yemeza ko hari ingabo z’uburundi zapfiriye i kongo izindi zikaba ziri kuvurirwa i mu bitaro vy’abasirikare mu kamenge ariko ngo ibitigiri s’umurengera kandi birasanzwe.
Gaspard Baratuza yemeza ko Ingabo z’uburundi zigiye kubandanya igikorwa co gufasha kongo kurwanya umwansi biciye mu masezerano y’ivyo bihugu 2.

Mu kiganiro umuvugizi w’igisirikare c’uburundi Gen de Brigade Gaspard baratuza yagiranye n’umumenyeshamakuru Diane Nininahazwe,Gaspard Baratuza yatanze umuco kubimaze imisi bivurwa ko hari ibitigiri vy’umurengera vy’abasirikare b’uburundi baguye muri kongo abandi bakaba bariko bavurirwa mu bitaro vy’abasirikare mu kamenge.
Kuri kino kibazo Gaspard Baratuza ntahakana ko abasirikare b’uburundi badashobora gupfira ku rugamba kuko batagiye gusigana amashurwe ariko abapfuye barapfuye mbere hari nabariko bavurirwa mu bitaro vy’abasirikare mu kamenge bashika 8 ariko birasanzwe cane.
Uwo agugira igisirikare c’uburundi yemeza ko ingabo z’uburundi zigiye kubandanya kurwanya umwansi ariwo muhari m23 biciye mumasezerano ya kongo n’uburundi bumvikanyeko kandi avuga ko ingabo z’uburundi zihagaze neza.
Ivyo biri uko mu gihe umuhari m23 urwanya ubutegetsi bwa kongo inyuma yo Kwigarurira igisagara ca Goma kiri muri kivu y’uburaruko,waraye utangaje ko ugiye kibandanya ibitero gushika ufashe Kinshasa yose ugakura ubutegetsi bwa Tshisekedi.
Aha Gaspard Baratuza avuga ko ayo makuru atayumvise ariko ko ingabo z’uburundi zizobandanya gufasha kongo kugarukana amahoro kuneza y’umutekano w’akarere.





Recent Comments