UBM News ads

Imyaka itatu irarangiye président Jean Baptiste Bagaza yitavye Imana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Hari igenekerezo rya 4 rusama 2016 igihe uwahoze ari umukuru w’igihugu Jean Baptiste Bagaza yitaba Imana mu gihugu c’Ububiligi aho yaragiye kwivuza. Akaba yitavye Imana afise imyaka 69. Yarongoye Uburundi kuva mu mwaka w’i 1976 gushika 1987 aho yakomboye Michel Micombero nawe acakurwa na Pierre Buyoya.

Two former Burundi presidents, Jean-Baptiste Bagaza, a Tutsi (L) and Sylvestre Ntibantunganya ,a Hutu, both ousted by President Pierre Buyoya, talk before the opening of the fourth session of the Burundi Peace Negotiations in Arusha, Tanzania 18 January. The Peace Negotiations to resolve Burundi’s civil war are chaired by Tanzania’s former President Julius Nyerere. / AFP PHOTO / ALEXANDER JOE

Benshi baremeza ko président Jean Baptiste Bagaza yateje igihugu imbere baravye inyubakwa zubatswe ku ntwaro yiwe. Amabarabara, ingomero z’umuyagankuba, amashuri, amahinguriro, amazu y’abakozi ba leta vyarubatswe ku ntwaro yiwe arongera arashiraho ibwirizwa nshingiro abarundi bagenderako.

Yagiye kugira ibibazo n’ishengero catholika hamwe n’abasirikare benshi bakavuga kwarico catumye atakaza inguvu yarafise. Akaba yakuwe ari mu nama ya Francophonie mu gihugu ca Canada.

Igihe yitaba Imana, Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaciye ashiraho ikigandaro mu gihugu cose aca ahambanwa iteka mu gihugu ciwe, eka n’urunani CNARED yarimwo rukaba rukaba rwvuze ko Uburundi buhomvye umuntu yabugiriye neza. Mu mugambwe wiwe nawo yasize ashinze PARENA barasaba ko yokubakirwa icibutso.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments