Imyaka 35 irarangiye Bob Marley yitavye Imana

0

Kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 11 ukwezi kwa rusama umwaka wa 2016 niho isi yose yahimbaje imyaka 35 irangiye umwami wa reggea Bob Marley yitavye Imana
Kw’isi yose rero bakaba bahimbaje iyo myaka 35 irangiye uyo muhisi twakunda twese yigisha urukundo,akigisha amahoro yitavye Imana
bob marley

Hano mu gihugu cacu rero naho nyene ba rasta bakaba bifadikanije naba rasta bose bo kw’isi yose kugira bashobore kumwibuka,
Mu bibanza bitandukanye vya hano mu gihugu c’uburundi bakaba bariko baramwibuka uyo muhisi aho abamwibutse bose bavuga ko babuze umuntu yakunda amahoro,agakunda abandi,atavangura urukoba
Ikinyamakuru cacu ubmnews kikaba cari cagendeye ahantu hatandukanye hano mu gisagara ca bujumbura aho cashoboye kwibonera ko uyo muhisi yashoboye kwibuka cane

Tworangiza tubamenyesha ko namasamirizi nka yose ya hano mu gihugu c’Uburundi yavuza cane indirimbo zuyo muhisi kuri Uno munsi