Imvukira zo mu Gatumba basaba ko bosubira kujabuka bakoreshe karangamuntu kuko basanze bitacemewe.

0
Mu gihe imbere yuko bugara imipaka kubera ku mvo za korona virus, vyari vyoroshe ko abenegihugu b’imvukira zo mu gatumba bajabuka berekanye karangamuntu ko ari imvukira aho baca bakoresha “laisser passer individuel” imara imisi 3 bahora batora aho nyene ku mupaka kuri 300 Fbu, kuri uyu munsi buguruye imbibe ntibari bemerewe kujabuka, bavuga ko bibagora kurinda gusubira muri Mairie kurondera “laisser passer” ya PAFE canke CPGL.
Bavuga ko Kiretse ko izo mpapuro za PAFE zizimvye, zifata umwanya kugira ngo ziboneke narirya bari bamenyereye kwinyavya, ubu ngo birabagora kuja kuramutsa incuti n’imiryango narirya abenshi bashingiraniye ari ababanyi b’i Congo.
Uwujejwe uruja n’uruza ku rubibe rwo mu Gatumba nawe yamenyesheje ko hari itegeko rya Leta ryasohotse ry’uko atawukijabuka akoresheje karangamuntu ngo baracarindiriye iririvuguruza. Mu gihe ritarasohoka, baguma bakoresha irihari.

Abajabuka baja muri congo sibo bonyene bafise ikibazo, n’abugaraniweyo kuva korona virus itangura bari bagiye kuramutsa imiryango nabo ntibemerewe kujabuka. Ariko bobo ikibazo cabo cariko kirirwa barara mu miryango yabo nkuko vyamenyeshejwe n’abajejwe uruja n’uruza kuri uyo mupaka.