Friday, December 2, 2022
HomeNewsImpunzi zirabandanya gutahuka mugabo ibibazo ntibibuze

Impunzi zirabandanya gutahuka mugabo ibibazo ntibibuze

Abarundi bashika 292 nibo batashe kuruyu wa gatatu batahanywe n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR. Bakaba bazananye ku mutumba Mugina intara ya Makamba bavuye mu gihugu ca Tanzaniya bari mu miduga itanu.

Izo mpunzi zikaba zirimwo imiryango 84 iva mu ntara za Rumonge na Makamba. Ayo makuru tukaba tuyakesha umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, Pierre Nkurikiye. Mwomenya ko na mundwi iheze impunzi zigera kuri 250 zatahanywe na HCR bakaba bashikanywe muri commune Mugina bavanywe mu gihugu ca Tanzaniya. Izo mpunzi nyinshi zikaba ziva mu makomine ya Nyanza-lac na Kayogoro.

Ivyo biruko mu gihe ishirahamwe International Refugees Rights ‘’IRRI’’ riheruka gushirahabona icirwa ryakoze kubibazo bihanze izo mpunzi aho ni nko gudatahurwa igituma zahunze, kutoroherezwa kumfungurwa mu makambi zarimwo no mumihana zigiyemwo narirya batararima hamwe n’ubwoba bufatiye ku matora yo mu 2020.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...