Imfashanyo yatanzwe n’Ibanki B.G.F

0

Ibanki #B.G.F-La Banque de vos Horizons ihejeje kuronsa koperative TushirikiWote, ibahasha y’imiriyoni 10 Fbu hamwe n’igikoresho co kubikamwo ibidandazwa. Iyo koperative ihurikiyemwo abakenyezi basanzwe bakora urudandazwa njabukambibe, muri Gatumba, komine Mutimbuzi, ni mugihe abo bakenyezi baheruka guhura nivyago vy’imyuzure yanababomoreye amazu y’idandarizo aho nyene mu gatumba.

Abo bakenyezi bakabona ko aho uruja n’uruza buca rusubirira kugenda neza, urudandazwa rwabo ruzosubira gukorwa neza ndetse na Buramatari w’intara ya Bujumbura akaba yafashe akanya ko gushima k’umutima w’urukundo no gufashanya werekanywe n’ abarongozi b’iyo Banki.

Iyo nkuru uyakiriye gute???