Thursday, December 1, 2022
HomeNewsIkibazo c-abakoze «Putsch» bakiri mu Rwanda nico kikiri intambamyi kugira imigenderanire y-uburundi...

Ikibazo c-abakoze «Putsch» bakiri mu Rwanda nico kikiri intambamyi kugira imigenderanire y-uburundi n-urwanda inaguke( Albert Shingiro)

Ikibazo c-abashatse gutembagaza ubutegetsi  kuwa 13 Rusama 2015 bakiri ku butaka bw-igihugu c-urwanda ngo nico kikiri intambamyi kugira imigenderanire hagati y-uburundi n-urwanda inaguke. Vyashikirijwe n-umushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu Albert Shingiro kuri uyu wa kane  mu kiganiro yagiraniye n-abaserukizi b-ibihugu hamwe n-amashirahamwe mpuzamakungu bikorera mu Burundi.Image

Albert Shingiro yabwiye abo baserukira ibihugu vyabo mu Burundi ko ivyankenerwa vyose bimaze gukorwa kugira imigenderanire hagati y-uburundi n-urwanda isubire kuba myiza. Mu majambo yiwe umushikiranganji Albert Shingiro yavuze uku:« Mwese ntawuyobewe ko imigenderanire hagati y-uburundi n-urwanda kuva mu mwaka w-2015 gushika mu 2020 itari yifashe neza na gato.Nico gituma kuva muri 2020 turiko dukora ukwo dushoboye kugira tunagure imigenderanire iri hagati y-ivyo bihugu bibanyi vyose. Ni mw-iyo ntumbero jewe nyene ubwanje nishikiye ku rubibe ruhana n-ico gihugu kivukanyi c-urwanda aho nashoboye kubonana ubwanje na mugenzanje Vincent. Twaranabonanye i New-york turanavugana ingene twonagura imigenderanire myiza. Novuga ko intambwe zo gutsimbataza imigenderanire myiza tumaze kuyishikako kiretse abagerageje gutembaza ubutegetsi mu Burundi bakiri ku butaka bwurwanda kandi nobamenyesha ko ico kibazo tubandanya tukiganirako»

Umushikiranganji Albert Shingiro yarongeye arabazwa ikibazo n-uwuserukira igihugu ca Hollande mu Burundi ku kijanye niba uburundi buzokwugururira imiryango abahinga baza kuraba ukwo agateka kazina muntu kifashe mu gihugu, Albert Shingiro yishuye ata bahinga bazokwemererwa kuza mu Burundi ariko ko biteguye gukorana n-umurwi ujejwe agateka kazina muntu.

Must Read