Ihinguriro ry’umwavu w’ikizungu ryuguruwe mu Burundi

0

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Deo Guide Rurema, yaruguruye ihinguriro rishasha kur’uyu wa mbere, iryo hinguriro rikazohingura umwavu w’ikizungu. Iryo hinguriro rikaba riherereye mu gisagara ca Bujumbura hafi y’ikibuga c’indege ca Bujumbura.

Umushikiranganji Deo Guide Rurema akamenyesha ko iryo hinguriro rizogira akamaro kanini ku benegihugu mu kubaha umwavu w’ikizungu kugihe no kumafaranga make.

Iryo hinguriro rikazoshobora kandi gushorera umwimbu waryo hanze y’igihugu aho rizokwinjiza amahera y’agaciro mu kigega ca Leta, nayo amahera yahora akoreshwa mu kugurira umwavu w’ikizungu hanze akazoca akoreshwa ibindi bikorwa vy’iterambere nk’uko bimenyeshwa n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi. Iryo hinguriro rikazotanga n’akazi ku barundi benshi.

Mwomenya ko abarundi barenga 80 ari abarimyi m’Uburundi nayo amatoni 50 100 y’umwavu w’ikizungu ukaba urangurirwa hanze y’igihugu kuvaho Leta y’Uburundi ihereye ububasha abagwizatunga kuzana umwavu w’ikizungu. Iryo hinguriro rikazohingura n’umwavu kavukire mu ntumbero yo kugwiza umwimbu.