Monday, September 26, 2022
HomeNewsIgitero mu Gatumba ku mupaka w'Uburundi na Kongo.

Igitero mu Gatumba ku mupaka w’Uburundi na Kongo.

Umupaka w’Uburundi na Kongo muri Zone Gatumba mu burengero bw’Uburundi, waraye utewe n’abantu bitwaje ibigwanisho bataramenyekana, na cane cane ahitwa i kavimvira.

Amakuru aguma akwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi ameyesha mbere ko n’ibiro vya PAFE( biraba uruja n’uruza) vyaturiwe kandi ivyononekaye bitaramenyekana.

Ico gitero kakikaba cabaye ejo mw’ijoro ryo ku wa gatanu. Amasasu akaba yatanguye kwumvikana guhera saa tatu n’inusu mw’ijoro maze akaba yamaze isaha irenga, nk’uko ababa i Gatumba biganiye SOS Media Burundi.

Gushika ubu, urubibe rwa Kongo n’Uburundi harugaye gushika ku bilometero bibiri.Imodoka gusa z’umutekano nizo zemerewe kuhatembera.

Gushika ubu, nta kiramenyekana ku bantu boba bahasize ubuzima canke ivyononekaye biraja ahabona.
UBM News ibandanya ikurikiranira hafi iyi nkuru. Muragume hafi.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...