UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Igisirikare c-urwanda catangaje ko cishe abarwanyi ba FLN bari baturutse I Burundi mu ntara ya Cibitoke.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mw-ijoro ryo kuruwu w-Imana rishira kuruwu wa mbere , mu Karere ka Rusizi neza na neza aho bita i  Rwamisave haraye habereye imirwano y-abarwanyi b-umuhari urwanya Leta y-urwanda witwa FLN. Abo barwanyi bakaba bari baje baturuka muri komine Mabayi iri mu ntara ya Cibitoke, iyo nayo ikaba ihana urubibe n-igihugu c-u Rwanda.NT on Twitter: "😳😳😳 #Rwanda #FLN commandos ready to face the despotic  regime in #Kagali! #Dialogue saves lives @jumuiya @CEEAC_ECCAS @SADC_News  @ECOWASParliamnt @AU_PSD @PaxChristi @ISDglobal… https://t.co/QHIUhGo5ZD"

Mw-itangazo ryashizwe ahabona n-igisirikare c-urwanda ,kimenyesha ko babiri mw-abo barwanyi bishwe, ibikoresho vyabo birafatwa harimwo inkoho zikomakomeye, gerenade imwe , amasase , iradiyo imwe ya Motorola yo guhanahana amakuru hamwe n-imyambaro ya gisirikare iranga igihugu c-uburundi.

Nkuko bibandanya bitangazwa n-igisirikare c-u Rwanda  , n-uko Inyuma y-uko abo barwanyi bari bateye baboneye ko inguvu zibaheranye, ngo baciye bahungira I Burundi iyo bari baje baturuka mw-ishamba rya kibira riri muri komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke.

Tubibutse ko atari irya mbere Leta y-u Rwanda itangaza ko yatewe n-imihari y-abitwaje ibirwanisho iburwanya aho kenshi iyo mihari mu kuza no mugusubira inyuma iza ituruka mu gihugu c-uburundi mu kibira kiri mu ntara ya Cibitoke aho bivurwa ko iyo mihari ihacumbikiye haraciye imisi. Ninavyo Leta y-urwanda yama yagirije Leta y-uburundi ko icumbikiye imihari iyirwanya, Kubwa Leta y-uburundi yo yoba atavyishi yama yabivuzeko kw-ivyo urwanda ruyagiriza ariko nayone yama yagirije  igihugu c-urwanda cafashije mukwigisha ivya gisirikare impunzi z-abarundi zahungiye mw-ico gihugu kuva mu mwaka w-2015,ninaho hahavuye haduka itosekara ry-imigenderanire y-ivyo bihugu bibanyi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments