Igihugu c-uburundi kigiye kwakira inama mpuzamakungu y-ibihugu 11 vyo muri Afrika yo hagati, Inama ya mbere ibaye inyuma y-intureka zo mu mwaka w-2015.

0

Inyuma yaho igihugu c-uburundi kitorewe ngo kirongore umurwi w-ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe ibibazo vy-amhoro n-umutekano mu karere ka Afrika yo hagati CEAC  mu kiringo c-umwaka umwe,  Ico kibanza uburundi bwaraye buronse kigiye gutuma cakira inama igira  51  izobera mu gisagara ca Bujumbura kuva kuwa 24 gushika kuwa 28 Rusama uy-umwaka w-2021. Imyiteguro yo kwakira iyo nama mpuzamakungu ikaba isa niyaheze nkuko bitangazwa na Isidore Ntirampeba, umunyamabanga ntayegayezwa m-ubushikiranganji bw-imigenderanire n-ayandi makungu.Afrique centrale : vers la tenue d'un sommet des Chefs d'Etat de la CEEAC |  Financial Afrik

Kubwa Leta y-uburundi, ngo kubona intumwa z-ibihugu 11 vy-akarere ka Afrika yo hagati zizokoranira i Bujumbura ni ikimenyetso gikomeye kandi kifadika ko amahoro n-umutekano vyiraye i Burundi. Ni mugihe inama zo k-urwego  mpuzamakungu nk-izo zitari ziherutse kubera mu gihugu c-uburundi kuva mu mwaka w-2015 kuva  aho habereye intureka za politike zitumwe no kwitoreza ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza.

Tubamenyeshe ko ivyo bihugu 11 bihurira m-umurwi wa ONU ujejwe umutekano mu karere ka Afrika yo hagati wiswe  ˮcomite consultative permanent des Nations –unies charges des questions de securite en Afrique Centrale‟. Ivyo bihugu navyo ukwari 11 akaba ari: Burundi, Rwanda, Tchad, congo kinshansa, Angola, Cameroun,  Saotome principe, centrafrique, congo Brazaville, Gabon na Guinee Equatorial.

Mu bibazo bizokwigirwa mw-iyo nama harimwo imigenderanire hagati y-ivyo bihugu aho Leta y-uburundi igirako ikenguruka k-ukuntu hatanguye kunagurwa imigenderanire hagati y-ico gihugu hamwe n-igihugu kibanyi caco c-u Rwanda.