Mw-itangazo ryaciye k-urubuga rwa Twitter kuruwu wa 18 Ndamukiza , igisirikare c-uburundi kiri m-uturere twa Gololey na Ceel –Egelow catangaje ko cishe abihevyi ba Al shabaab babiri hamwe n-umwe yari yateze igisasu kiturika yafashwe.
Ivyo bikaba vyabaye kuruwu w-Imana mu gihugu ca Somaliya mw-ishamba rya Sayga aho iyo mirwi ya Al shabab yama yateze imitego ikanakora n-ibitero bitandukanye bikaza vyibasira uruza n-uruza rw-abantu n-urw-ibintu mw-ako gace.
Recent Comments