Ibomorwa ririko riraba ry-inyubakwa zubatswe hadakurikije amategeko: Bamwe mu Barundi bavyakira gute?

0

Haraciye imisi Leta y-uburundi itanguje isekeza ry-uko uwo wese afise inyubakwa yubatswe  hadakurikijwe amategeko ko yoyisamburira, atari ukwo Leta izoza kuyisamburira. Mw-iyindwi turiko tusozera , mu ma zone  agize igisagara ca Bujumbura , Leta ikaba yahisemwo kuza kubomora inyubakwa zose ba nyenezo base kuzisamburira.  No mu ntara zo hagati mu gihugu  ico gikorwa kikaba kigiye kubandanya. Bamwe mu barundi  bariko bakira gute iyo ngingo ya Leta?Image

Kubwa Vital Nshimirimana, arongoye urunani rw-amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC , amenyesha ko ishirwa mu ngiro ry-itegeko ribwiriza gusambura inyubako zitubahirije amategeko ririko riravangura. FORSC ikabivuga ifatiye ku nyubako z-umugambwe CNDD-FDD zo zitigera zikorwako  kandi zubatswe  mu bibanza vyitirirwa ko bibujijwe kwubakamwo, ufatiye kw-itegeko ry-umushikiranganji w-intwaro yo hagati.  Bikaba biri mu cegeranyo giheruka gusohorwa n-urwo runani rw-amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Bamwe mu banyagihugu bo ku murwa mukuru w-intara ya Kirundo , ahagiye nahone kubomorwa inyubakwa zose banyezo batinye kwibomorera,  baganiye n-ikinyamakuru UBM News ,bamenyesha ko umubabaro ari mwinshi inyuma yo kwumva iyo ngingo kuko hari bamwe bagiye kurwa mu mporero kandi bafise ivya ngombwa vyabemerera kwubaka mw-ivyo bibanza ico gihe.

Abandi barundi batuye mu gisagara ca Bujumbura bobo ntibatahura igituma iyo ngingo iza ubu mu gihe nka nyishi mw-izo nyubakwa zubatswe zihawe uruhusha n- ubutegetsi buhari ubu. ˮ kuberiki intwaro ya CNDD-FDD imaze 16 ku butegetsi ariho yibutse kubomora inyubakwa zubatswe ihari? Kuberiki bafashe ingingo nk-iyi mw-iki gihe abarundi bari mu bukene butagira izina? Barabe neza ntibasongere isibe kuko inyubakwa ziriko zirabomorwa zari zitunze abarundi injojo‟ Niko abo banyagisagara ca Bujumbura bibaza.